Home Entertainment Cedric Bangi yagize ico avuga kuvyo Big Fizzo yashikirije

Cedric Bangi yagize ico avuga kuvyo Big Fizzo yashikirije

Big Fizzo aheruka gushikiriza imvo zatumye ataboneka mu birori vyo gushingurana iteka umuhisi Member adomako urutoke umuririmvyi ari mw’ishirahamwe “COOPERATIVE DES MUSICIENS DU BURUNDI” avuga ko ata rukundo yari amufitiye.

Uwusazwe arongoye iryo shirahamwe ariwe Cedric Bangi nawe amaze kumva ivyo yagize ico amwishura abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yagize ati : ”Ngo murirya Amicale yindi????ngo nibo bavuze kutaje kuri enterement????bakuvuge ngo bunguke iki?????kuko URI YEZU KRITSU AZURA ABANTU EKA NAMBA,UWABIKUBWIYE YARAGUHENZE DA!!!!NIZINA  RYAWE NTANUWIGEZE YIBUKA KORIBAHO MURI BIBINTU……NB/ivyo guponda biri iyo iwanyu muriyo AMICALES DES MUSICIENS DU BURUNDI yanyu apana iwacu muri COOPERATIVES DES MUSICIEN DU BURUNDI…..jewe nibaza ko wofatana kumashati n’abomuri Amicale yanyu,mwishurana nabo muriyo Amicales yanyu ,twebwe uduhe amahoro kuko waza wareka umuhisi ntirariguca azuka…..MUKUNDA KUVUGANGWA MUNDURU GUSA……NB/SIMBA DIKE NA SIMBA NDUME KO BARI BAHASHITSE VYARI BIKWIYE URAKOZE!!!!”

Mwomenya ko intandaro y’ivyo vyose ari ivyo umuririmvyi Bien Freema yanditse avuga kuri Big Fizzo ko atarukundo yerekanye kuba yafashe indege atagiye gusezera irya nyuma umuhise yarasazwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi “AMICAL DES MUSUCIENS DU BURUNDI”.

Facebook Comments

Most Popular

Ngozi : Mu myaka 5, hatwaye inda z’ishushu abarenga amajana atanu.

Abanyeshure bashika 527 ni bo batwaye inda z'indaro mu ntara ya Ngozi, kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2020. Ihangiro ry'intara ya Ngozi n'uko...

Bikurubikuru mu vyaranguwe mu gisata c’uburimyi

Ubushikiranganji bw'Uburimyi, ubworozi hamwe n'Ibidukikije bumenyesha ko ibikorwa vyagenze neza kubice 98% mu gice ca mbere c'umwaka wa 2020-2021. Bikurubikuru mu vyaranguwe mu gisata c’uburimyi...

Basaba ikiringo bahawe na Reta co kwugara ko cokwongerezwa

Ishiramwe mpuzamakungu ONU risaba ko ikiringo catanzwe na Reta y’Uburundi ngo habe hugawe ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe congerezwa. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu,...

Ivyaranguwe n’ibigiye kurangurwa mw’ishirahamwe ATRABU

Abanywanyi barenga 300 b'ishirahamwe ATRABU rijejwe gutwara abantu n’ibintu mu Burundi nibo barihiwe amafaranga y’ubwishingizi (assurance). Imiriyoni  zirenga 90 ngo zarahawe amashirahamwe akorera muri...

Facebook Comments