Home Burundi CAF Confederation Cup: Vital'o Fc yanyagiwe ibitsindo 4-1 na New star y'i...

CAF Confederation Cup: Vital’o Fc yanyagiwe ibitsindo 4-1 na New star y’i Douala

Umugwi vital’O Fc wari waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup wasezerewe muri ayo mahiganwa urinze kunyagirwa imvura y’ibitsindo.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Kigarama, isaha icenda z’umuhingamo (15h00) Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore niho hari haramutse haba urukino rwo gusubiriza rwa Caf confederation Cup rwahuza Umugwi Vital’o Fc, hamwe n’Umugwi New star y’i Douala muri Cameroun. Urwo rukino rukaba rwarangiye Vital’o Fc inyagiwe n’uyo mugwi New star ibitsindo 4-1.

Ivyo ibitsindo vya New Star vyose uko ari 4 bikaba vyatsinzwe n’umusatirizi wabo ariwe Junior Field Ngongang, Ivyo bitsindo akaba yavyinjije Ku munota ya 4, 25, 32 n’uwa 82, mu gihe ica Vital’o Catsinzwe Ku munota wa 43 Na Olivier.

Mukibuka ko mu rukino rwa mbere rwabereye I Douala rwarangiye iyo migwi Yompi inganije 0-0.

Facebook Comments

Most Popular

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Diaspora News: Abahamagarira kwitaba inama yo kurabira hamwe igituma baguma bagandagurwa

Mu butumwa aheruka kurungikira ubuserukizi bw’ibihugu vya Afrika buri mu gihugu c’Uburusiya, umuserukizi w’Uburundi muri ico gihugu Edouard Bizimana abahamagarira kwunga urunani maze biyamirize...

Ibidasanzwe bitari bimenyerewe nivyo vyaranze Basketball i Bujumbura

Menya ibintu bine bidasanzwe kandi bitari binamenyerewe vyaranze Basketball i Bujumbura mu ndwi twaraye dusozereye. Urunani ruhahagaritse umuvuduko wa Kern Ihiganwa rya Basketball mu gisagara ca...

Facebook Comments