Home africa news Kenya nayo yatanguye guhagarika indirimbo za Diamond

Kenya nayo yatanguye guhagarika indirimbo za Diamond

Kenya nayo yahambije igihugu ca Tanzania mu gutangura guhagarika zimwe mu ndirimbo za Diamond, ziba zahagaritswe mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Indirimbo “Kwangwaru” yashizwe ahabona na Diamond arikumwe na Harmonize mu mwaka wa 2018 mu kwezi kwa 2, iheruka guhagarikwa mu mashure yo mu gihugu ca Kenya. Imvo ngo nuko ifise amajambo adatanga inyigisho bipfuza ku benegihugu.

Iyo ndirimbo ikaba ibaye iya 1 y’uwo muririmvyi ihagaritswe mu gihugu ca Kenya, nk’uko ayo makuru dukesha ikinyamakuru co muri Afrika y’ubuseruko abandanya abishikiriza.

Ezekiel Mutua atwara igisata ca Kenya Film Classification Board, akaba yamenyesheje kuri uyu wa 5 ko iyo ndirimbo itosubira kuvuzwa mu mashure. Yongerako ko adatahura igituma indirimbo zahagaritswe mu bihugu zikomokamwo, ziba zirekuwe kuvuzwa mu gihugu ca Kenya.

Aho uwo mutware nyene akaba yanamenyesheje ko ivyo bihangange nyene biheze bikaja kwegeranya amafaranga muri ico gihugu bikisohokera igihugu bitabanje n’ukuriha ikori, gutyo ngo bakaja kuriha mu gihugu iwabo.  Ivyo ngo bikaba bigiye guhinduka.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe baheruka kuva mu gihano bari bahawe n’igisata kigenzura abanyabuhinga muri Tanzania, aho bari barenze ku mabwirizwa atari make, harimwo kuririmba indirimbo Mwanza yahagaritswe muri ico gihugu.

Facebook Comments

Most Popular

Abaforomakazi bo muri Ghana bafise ikibazo c’ukubura abagabo

https://www.youtube.com/watch?v=37rxy3pL9aE Abatari bake mu baforomakazi bo mu gihugu ca Ghana barafise ibibazo bikomeye bijanye n’ukutarongorwa, iyo ikaba ari imyidogo yashikirijwe na bamwe mu kiganiro bahawe...

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Facebook Comments