Home Burundi Abaporisi babiri bagandaguwe n'umugizi wa nabi yitwaje inkoho

Abaporisi babiri bagandaguwe n’umugizi wa nabi yitwaje inkoho

Abaporisi babiri bishwe barashwe n’umuntu yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa kalachnikov ku musozi Mutara, zone Maramvya, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Uwarashe abo baporisi yagiye atwaye n’inkoho zabo.

Nk’uko bishikirizwa na OPP1 Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, abo baporisi babiri aribo APC Simbagoye Jean hamwe na APC Nshimirimana Léonard ngo bishwe mu bucagucagu bwo kuri uno wa kabiri igenekerezorya 19 Ntwarante umwaka w’2019 igihe c’isaha umunani n’igice z’ijoro, mu gihe bari bagiye gutabara bahamagawe kuri terefone n’umupfasoni yababwiye ko hari umugabo anyurujwe n’umuntu yitwaje inkoho.

Bashitse muri ico kibanza, abo baporisi babiri barashwe amasasu n’umuntu yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, inyuma y’ukubica akaba yagiye atwaye n’inkoho zabo.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira uwishe abo baporisi afatwe. Abantu batanu barimwo n’uwo mugore yaterefonye abo baporisi hamwe n’uwo mugabo yatabarijwe ko anyurujwenibo bamaze gufatwa bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.

 

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments