Home africa news Mozambike : Ibitigiri vy'abakozweko n'igihuhusi "idai" vyashizwe ahabona

Mozambike : Ibitigiri vy’abakozweko n’igihuhusi “idai” vyashizwe ahabona

Abantu bagera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu barasinzikaye muri iki gihe kubera igihuhusi Idai n’inkurikizi zaco mu gihugu ca Mozambike conyene.

Nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019, abantu bagera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu barasinzikaye muri iki gihe kubera igihuhusi Idai n’inkurikizi zaco mu gihugu ca Mozambike conyene .

Ivyo biri uko mu gihe abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza bariko bagerageza kumenya urugero rw’ivyononekaye n’abageramiwe n’ihiguhusi Idai n’ukumenya imfashanyo yihutirwa bakeneye.

Ico gihuhusi Idai casenyuye amazu, catumye imyuzurane ikomeye ikwiragira mu bice bitari bike vya Mozambike. Igihuhusi Idai cashitse ubwa mbere mu gisagara kirimwo ikivuko ca Beira kiri ku nkengera z’ibahari y’Abahindi kw’igenekerezo rya 14 z’uku kwezi turimwo kirabandanya no mu bihugu vya Zimbabwe hamwe na Malawi.

Abantu 686 bavurwa ko bahitanywe n’ico gihuhusi Idai hamwe n’inkurikizi zaco muri Mozambike, Zimbabwe na Malawi, ivyo bitigiri ngo bikaba bishobora n’ukwiyongera kurushiriza aho.

Mozambike ni co gihugu cageramiwe cane n’ico gihuhusi Idai kurushiriza aho amazu ibihumbi n’ibihumbi yasambuwe naco tutibagiye abantu amajana n’amajana catesheje izabo.

Facebook Comments

Most Popular

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Urwevu: Ukuborerwa vyoba bijanye n’agaciro ”ubuntu” ( la dignité) ?

Iyo umuntu yanyoye utuyoga rero akarenza kugera aho abantu bavuga ko yaborewe, haba hari ibintu vyinjsi vyabaye mu bwonko. Biba bisa n'ivyabaye nk'uruzi rwasebuye,...

Facebook Comments