Home homepage Uwiyita umuvugishwa "Prophète Modeste" yirukanwe burundu ku butaka bw'Uburundi

Uwiyita umuvugishwa “Prophète Modeste” yirukanwe burundu ku butaka bw’Uburundi

Igiporisi c’Uburundi cafashe ingingo y’ukwirukana burundu ku butaka bw’Uburundi uwiyita umuvugishwa Kayihura Modesste yari azwi nka “Prophète Modeste”.

Mu matohoza cari kimaze imisi gikora, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko uwiyita umuvugishwa Kayihura Modeste yari azwi cane nka “Prophète Modeste ngo casanze afise inyifato itabereye, kandi ko n’impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba mu Burundi ari iza magendo, niko gufata ingingo yo kumwirukana burundi ku butaka bw’Uburundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Ndamukiza umwaka w’2019.

Nk’uko bishikirizwa na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano ngo gukinga ibiza, uwo yiyita “umukozi w’Imana” asanzwe afise ubwenegihugu bw’Urwanda ngo yagirizwa gushurashuza abigeme bahora basengera mu rushengero iwe, ubusuma, hamwe n’ukuba akoresha impapuro za magendo.

Uwo yiyita umugishwa akaba yari arongoye ishengero ryitwa “Faith Practice Miracles Ministries” rikorera kw’ihoteri Source du Nil, akaba yirukanwe mu Burundi inyuma y’iminsi irenga cumi yari amaze apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza mw’i Jabe mu gisagara ca Bujumbura.

Imvo n’imvano yo gufatwa kwiwe ikaba yandurutse kuvyo yaheruka gushikiriza ku nsamirizi Radio Buja FM ikorera mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’aho umugwi w’intamba mu rugamba utaburije itike yo kwitabira inkino za CAN2019 zigiye kubera muri Egiputa mu kwezi kwa Ruheshi kuza aho yavuga ko mu gihe atohabwa amafaranga y’ikigiracumi kuyo umukinyi wese w’Intamba mu rugamba yahawe nk’agashirukabute ko abo bakinyi n’aho bazoja muri iryo higanwa ata murwi n’umwe bazotsinda, kandi ko n’abakinye urukino rw’Uburundi na Gabon ata n’umwe azoja muri iryo higanwa.

Mwomenya ko hambavu y’ukwirukana uwo yigira umugishwa, igiporisi c’Uburundi cafashe kandi ingingo y’ukwirukana mu Burundi Kayihura Ephrem, umuvyeyi wa Kayihura Modeste hamwe n’umufasha wa bwana Modeste.

Facebook Comments

Most Popular

Uwuserukira Uburusiya mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka

  Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Kigarama 2020, umukuru w'inama nkenguzamateka Sinzohagera Emmanuel yuguruye icese isasa risanzwe rya Kigarama ry'inama nkenguzamateka, ivyo bikorwa bikaba...

Kirikou yavuze ku kigo c’impfuvyi ciwe   

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Muvyo Imana yamuhaye, Kirikou avuga ko yahawe gutahura igituma yabayeho. Ico gituma ngo nukugira abandi bazobeho biciye mu minwe yiwe, Ivyo n’ivyo aheruka kuvugaira...

Kigingi yagarutse ku mashusho y’urukozasoni amuvugwako

https://www.youtube.com/watch?v=wIuCCQ5ZPyo&t=27s Amasanamu y’urukozansoni yaragize imisi aboneka ku rubuga rwa Facebook rwa Kigingi ngo siwe yayashizeko, Ahubwo ngo n’umuntu yamwinjiriye muri urwo rubuga “Piratage”, gutyo ituma...

Emery Sun ngo amasanamu y’indirimbo nshasha ni Vuba

https://www.youtube.com/watch?v=RSdpqBI8WlM Mu misi ya vuba umuririmvyi Emery Sun ngo hari ibikorwa biriko biraza, ivyo n’ivyo yavuye mu kiganiro yagiranye na Alan kuri Indundi Tv. Muri ico...

Facebook Comments