Home africa news Tanzania yimye bamwe mu benegihugu uburenganzira bwo kwinjira ata Visa

Tanzania yimye bamwe mu benegihugu uburenganzira bwo kwinjira ata Visa

Abenegihugu b’Ibihugu bitandukanye birimwo Congo na Angola batswe uburenganzira bwo bwinjira muri Tanzania ata Visa barishe, mu gihe Afrika yipfuza ko ibihugu biyigize vyugururira imipaka abanyafrika.

Abenegihugu b’Ibihugu birimwo Angola na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, batswe uburenganzira n’igihugu ca Tanzania bwo kwinjira muri ico gihugu bataaje kuriha Visa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru The East African avuga ko uwujejwe kuvugira igisata kigenzura abinjira n’abasohoka muri ico giugy, avuga ko bafashe iyo ngingo kubw’inyungu z’igihugu. Iryo tegeko rikaba riraba abanyamitahe, abadandaza co kimwe n’abaja mu karuhuko muri Tanzania bava muri ivyo bihugu.

Kuri ivyo bihugu hakaba hiyongera ibihugu vyo muri asia nka Palestine, Pakistan na Yemen bahora nabo nyene binjira ata kibazo, ariko ubu bakaba babanza gusaba Visa. Ivyo bihugu bitari bike bikaba bije vyiyongera ku bihugu nka Nigeria, Djibouti na Ethiopie nabo bahora bari mu gitigiri c’abinjira ata kibazo muri Tanzania ariko uno musi babanza gusaba Via y’amezi 3, imbere yujo bafata urugendo.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe afrika iri mu mugambi w’ukworoherera uruja n’uruza rw’abanyafrika kugira binjire mu bindi bihugu vya Afrika ata Nkomanzi. Aho tukavuga nk’Urwanda muri uyu mwaka ruheruka gushiraho itegeko riha uburenganzira abanyafrika bwo gusaba Visa bashitse ku kibuga c’indege i Kigali.

Facebook Comments

Most Popular

Confederation cup: Musongati Fc igiye kwakira Green Eagles ata barorerezi kubera Covid -19

  ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Munyonyo 2020, isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari niho umugwi Musongati Fc uzokwakira umugwi Green Eagles Fc...

# Indundi Sports | Breaking News: Dieugo Maradona yitavye Imana bitewe n’ihagarara ry’umutima

  Umukinyi rurangiranwa wa kera w’umugwi nserukira gihugu wa argentine Dieugo Armando Maradona yitavye Imana bitewe n’uguhagarara kw’umutima ( Arrêt Cardiaque). Maradona w’imyaka 60,mu ntango z’uku...

Intamba U 20 zihejeje kunyagirwa n’Ubuganda

  kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2020, niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 wakina urukino rwa mbere rwa...

Ngozi : Mu myaka 5, hatwaye inda z’ishushu abarenga amajana atanu.

Abanyeshure bashika 527 ni bo batwaye inda z'indaro mu ntara ya Ngozi, kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2020. Ihangiro ry'intara ya Ngozi n'uko...

Facebook Comments