Home africa news RDC : Mu mezi 9 gusa ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu...

RDC : Mu mezi 9 gusa ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu bagera ku 900

Kuva mu kwezi kwa Myandangaro umwaka w’2018, abantu baharurwa mu majana icenda nibo ngo bamaze guhitanwa n’ikiza ca Ebola mu buseruko bwa Repubirika iharanira Demokarasi ya kongo nk’uko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu cegeranyo bwashize ahabona kuri uyu wa gatanu uheze igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2019.

Guhera hamenyekanye ico kiza muri ico gihugu, abantu bangana n’1396 nibo bamaze kuvugwa ko banduye ico kiza, muri bo 1330 baramaze gupimwa barabona ko bacanduye nayo 66 bakaba bataremezwa neza ko banduye ico kiza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubandanya bushikiriza ko abantu bagera ku 394 ngo barashoboye gukira ico kiza ca Ebola.

Mwomenya ko ico kiza camenyekanye muri ico gihugu kuwa mbere Myandagaro umwaka w’2018 mu ntara ya Kivu yo mu buraruko hamwe no mu gace gato ka Ituri, mu nyuma cigaragaraza mu gisagara ca Beni ubu naho kikaba kiriko kiragisivya mu karere ka Butembo-Katwa kari ku birometero 50 uva mu bumanuko bw’igisagara ca Beni.

Facebook Comments

Most Popular

Urutonde rw’abakinyi 20 b’impfatakibanza b’umugwi BS Dynamic uzokoresha mw’ihiganwa rikurikira

Burundi Sports Dynamic Nsabimana Bakari niwe mumenyereza wa mbere wo mu cicaro ca mbere amaze gushira ahabona abakinyi 20 b'impfatakibanza azokoresha mu mugwi Bs...

Colonel Alexis ngo umugwi muzinga ugiye gukomera muri kano karere

Inyuma y'aho umugwi Muzinga Fc unyagiriye Top Junior ibitsindo 9 mu rukino rwa nyuma rwo mu cicaro ca kabiri rwaciye rutuma baduga mu cicaro...

#Diaspora| “Tubivugane” mu ntumbero yo gutezimbere imico n’akaranga

Nubwo baba mu mahanga, ngo ntibataye umuco, barangwa n'akaranga, kandi baracavuga ikirundi co kuziko. Hashizweho ishirahamwe "Tubivugane" mu ntumbero yo gutezimbere umuco n'akaranga mu barundi...

#Tanzania Film : SwahiliFilx watowa shukrani kwa walio sapoti Gabo Zigamba

Pichani: Gabo Zigamba , Msanii wa Filamu nchini Tanzania Gabo Zigamba, maarufu kama Gabo ni msanii mwenye kujituma zaidi kwenye Kazi ya Filamu na anazidi...

Facebook Comments