Home abakinyi bakina hanze Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutsinda As Muhanga

Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutsinda As Muhanga

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules abandanya yitwara neza mu gihugu c’Urwanda.

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 28 Ndamukiza umwaka wa 2019 , niho umugwi As Muhanga wari wakiriye umugwi Rayon Sports mu rukino rw’indwi ya 24 y’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam premier league, urwo rukino rukaba rwarangiye Ulimwengu Jules afashije Rayon Sports Rayon Sports gutsinda As Kigali.

Akaba ariwe yatsinze igitsindo cambere ku munota wa 9 w’urukino asubira atsinda n’icakabiri ku munota wa 44 w’urukino , igitsindo ca gatatu kikaba catsinzwe na Seifu ku munota wa 73 w’urukino , mugihe igitsindo kimwe rukumbi catsinzwe n’uwitwa Niyongira Dany Ku munota wa 87 w’urukino .

Ulimwengu Jules akaba ariwe musatirizi afise ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa ryo mu Rwanda aho yaciye akwiza ibitsindo 14 , agakurikirwa na Hakizimana muhadjiri wa APR FC afise ibitsindo 13.

Umugwi Rayon Sports ukaba wasigaye mu kibanza ca kabiri n’amanota 54 mugihe APR FC nawo waciye ufata ikibanza ca mbere hamwe n’amanota 57.

Facebook Comments

Most Popular

Ishirahamwe AFH ryatunganije ibikorwa vy’ici ku rwaruka ruri mu karuhuko

Mu ntumbero yo gufasha urwaruka no kururinda kuja mu bitabereye mu gihe c'uburuhuko, ishirahamwe Football Helps ( AFH) ryatunganije ibikorwa kuri urwo rwaruka bizotangura...

Urwevu ku bijanye n’ikiza COVID19

Umaze guca urwevu rero uraheza ugatahura ibitari bike. Nk'ukugira ngo umenye ibinyamubiri biriko biratera abantu, ibihugu canke isi,uraheza ukaraba inyifato bafise ugaheza ukamenya rero...

Olga ngo Karaoke niyo iriha neza gusumba kuja muri Studio

https://m.youtube.com/watch?v=2MxnoY3Wx2Y&t=150s Karaoke ni kimwe muvyatumye abasha kwibeshaho, ni naco gituma vyatumye bimutwara umwanya wo gukora umuziki. Ivyo n'ibiheruka gushikirizwa na Olga Lorrie. Mu kiyago na Indundi...

Iki nico catumye Rashid Léon adashobora gukina CAN 2019

  Mu kiganiro umukinyi w'inyuma w'umugwi nserukira gihugu w'intamba mu rugamba Rashid Leon yakoranye na Indundi TV yasiguriye abarundi ikibazo yagize mu gihugu ca Qatar...

Facebook Comments