Home abakinyi bakina hanze Kings Cup : Al Taawoun niyo yaraye itahukanye igikombe

Kings Cup : Al Taawoun niyo yaraye itahukanye igikombe

Umugwi Al Taawoun ukinamwi Cédric Amissi waraye utahukanye igikombe ca Kings Cup.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Rusama umwaka w’2019 niho umugwi Al Taawoun ukinamwo cédric Amissi wakinye urikino rwa nyuma rw’igikombe ca Kings Cup n’umugwi Al Ittihad , urwo rukino rukaba rwararangiye umugwi Al Taawoun ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba Cédric Amissi utsinze Al Ittihad ibitsindo 2 kuri 1.

Ibitsindo vya Al Taawoun bikaba vyatsinzwe n’uwitwa Alabsi ku munota wa 55 hamwe na Tawamba ku munota wa 90, mugihe igitsindo kimwe rukumbi c’Umugwi wa Al Ittihad catsinzwe na Prijovic ku munota wa 32 w’urukino.

Mukamenya y’uko umukinyi w’intamba mu Rugamba ariwe Cédric Amissi yashoboye gukina urwo urukino rwose.

Facebook Comments

Most Popular

Imyambaro iahika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Diaspora News: Abahamagarira kwitaba inama yo kurabira hamwe igituma baguma bagandagurwa

Mu butumwa aheruka kurungikira ubuserukizi bw’ibihugu vya Afrika buri mu gihugu c’Uburusiya, umuserukizi w’Uburundi muri ico gihugu Edouard Bizimana abahamagarira kwunga urunani maze biyamirize...

Facebook Comments