Home homepage Olympic Star igarukanye abahoze ari abakinyi babo

Olympic Star igarukanye abahoze ari abakinyi babo

Umugwi Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga wagarukanye abahoze ari abakinyi babo mu mwaka uheze.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 06 Rusama umwaka wa 2019 , niho umugwi Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga wasubira guha amasezerano mashaha abahoze ari abakinyi bawo aribo umusatirizi wabo Pascal Ramadhan hamwe n’umukinyi wabo w’inyuma Mbazumutima Baba.

Ayo masezerano bakaba bayagiraniye na Général Habarurema asanzwe ari imvukira yo mu ntara ya Muyinga , bikavugwa y’uko ariwe yoba yasubiriye Nzeyimana Musafiri naho bitarashirwa ahabona .

Olympic Star ukaba ari umwe mu migwi yo mu ntara zo hagati mu gihugu umaze gukina inkino za CAF Confederation Cup.

Amakuru Indundi Sports yaronse n’uko uyo murongozi mushasha amaze kwemerera abakunzi b’uyo mugwi y’uko azogarukana abakinyi bose bakinye inkino za CAF Confederation Cup.

Olympic Star ukaba warangije ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa 2018-2019 uri mu kibanza c’10 hamwe n’amanota 37.

Facebook Comments

Most Popular

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Urwevu: Ukuborerwa vyoba bijanye n’agaciro ”ubuntu” ( la dignité) ?

Iyo umuntu yanyoye utuyoga rero akarenza kugera aho abantu bavuga ko yaborewe, haba hari ibintu vyinjsi vyabaye mu bwonko. Biba bisa n'ivyabaye nk'uruzi rwasebuye,...

Facebook Comments