Home homepage Ishirahamwe Brarudi ryuguruye icese ihiganwa rya Primusic

Ishirahamwe Brarudi ryuguruye icese ihiganwa rya Primusic

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Rusama umwaka w’2019 niho ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi ryaramuka ryugurura icese ihiganwa ryise “Primusic”.

Dorine Gateka ajejwe ikinyobwa ca Primus muri Brarudi yamenyesheje ko iryo higanwa rifise intumbero yo gufasha abaririmvyi bafise impano babandanye batera intambwe mu mwuga wabo.

Dorine Gateka akaba yaboneyeho kandi kwerekana abo bariko barafashanya kugira ngo iryo higanwa rizogende neza, abo nabo akaba ari aba ambassadeurs babiri Bizimana Aboubakar Kalume azwi kw’izina ry’ubuhizi nka Sat-B Satlight King hamwe na Mugani Désiré azwi nka Big Fizzo.

Ku ruhande rw’abazoba bagize Jury naho tuhasanga umumenyeshamakuru wo kw’iradiyo isanganiro Christian Nsavye hamwe n’abahinyanyuzi babiri Ami Pro hamwe na Korry The Magic.

Umupfasoni Gateka akaba yamenyesheje ko muri iryo higanwa hahamagawe umuririmvyi uwariwe wese avyiyumvamwo, ukwiyandikisha kukaba kwamaze gutangura bakaba biyandikisha baciye ku rubuga rwa Brarudi S.A (website), ku rubuga Facebook rwa Primus hamwe no kuri application mobile ya Primus.

Nayo ku musi wa nyuma w’iryo higanwa Final utegekanijwe kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro umwaka w’2019, ishirahamwe Brarudi ngo rikaba ryateguye kuzozana umuririmvyi wo hanze y’igihugu mu ntumbero yo kuryohera abarundi hamwe n’abakunzi b’ikinyobwa ca Primus.

Dorine yarangije amenyesha ko uwambere azotahukana iryo higanwa rya Primusic azohabwa ibahasha rigizwe n’imiriyoni mirongo ibiri na zitanu z’amarundi, uwa kabiri aronke imiriyoni zitanu, uwa gatatu imiriyo zitatu, uwa kane imiriyoni zibiri, uwa gatanu umuriyoni umwe n’igice nayo uwa gatandatu atahukane umuriyoni umwe w’amarundi.

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Makamba : Ibikorwa bigeze ku rugero rushimishije

Ibikorwa vyo kwubaka ikiraro ca Nyabusunzu kiri kw'ibarabara ry'igihugu inomero 11 (RN11) rica Mabanda- Makamba- Rutana- Cankuzo) ngo bigeze ku ntambwe ishimishije. Bishikirizwa na...

# Indundi Sports| Umurundi niwe agiye kumenyereza Azam Fc vy’imfatakibanza

  Umugwi Azam Fc wasezereye uwahoze ari umumenyereza wawo mukuru Aritstica Cioaba n’uwundi yama akoresha imyimenyerezo yo kugorora imitsi. Azam Fc yahisemwo gusezerana nabo bamenyereza bamaze...

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Facebook Comments