Home homepage Patrice Evra yavuze abakinyi babiri ba Manchester United bokina muri Real Madrid

Patrice Evra yavuze abakinyi babiri ba Manchester United bokina muri Real Madrid

Uwahoze ari umukinyi wa kera wa Manchester United Patrice Evra yavuze abakinyi babiri ba Manchester United bafise ubushobozi bwo gukina muri Real Madrid .

Aganira na kimwe mu binyamakuru vyo mu bwongereza Patrice Evra yarabajijwe atange abakinyi babiri ba Manchester United yemera bafise ubushobozi bwo gukina mu mugwi Real Madrid , Juventus canke Bayern Munich. Patrice Evra yishuye y’uko abakinyi bakina mu mugwi wa Manchester United bokina muri iyo migwi ikomeye ko ari bake yamara Paul Pogba hamwe na David De Gea bo ngo arabona ko boshobora kuhakina.

Mukamenya y’uko umukinyi Patrice Evra yigeze gukinira umugwi wa Manchester United imyaka itari mike ndetse aranawubera kizigenza.

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments