Home Burundi Primusic2019 : Impamvu Natasha atashoboye kuyijamwo

Primusic2019 : Impamvu Natasha atashoboye kuyijamwo

Umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka (La Number) yari kwifatanya na basazawe mu muziki aribo Big Fizzo na Sat-b ngo ntivyahavuye bikunda kumpamvu z’uko akanoti yabasavye babonye atako boronka.

Uwusanzwe ahagarariye ibikorwa vya Natacha ariwe Raphael NYANDWI atangura gushima itunganywa ry’iryo higanwa ryari rimaze imyaka igera kuri itanu5 ritariko riraboneka.

Raphael akaba yagize ati : “Nukuri tubanje gushima igaruka rya Primusic kuko ni ihiganwa ryiza riha akaryo umuririmvyi akiri hasi gushira impano yiwe ahabona. Ariko uburyo twahawe ntibwari buke canke ngo bube bwishi ahubwo bwari bubayabaye rero bivanye na Brand y’izina y’umuririmvyi wacu uburyo twahawe niyo mpamvu tutabwemeye kuko ibikorwa turiko turakora bisaba uburyo kanatsinda umuziki w’ubu utandukanye n’uwakera kuko ubu ushiramwo uburyo kugira uronke umwimbu mwiza akaba ari nayo mpamvu twasavye agafaranga kegereye haruguru aho ni nkokuvuga igice c’ayo bazoha umuririmvyi w’umunyamahanga azoza guteramisha muri Final ya Primusic.

Aho uwo asanzwe avugira akanahagararira ibikorwa vya Natacha ariwe NYANDWI Raphael yabandanije avuga ko abo babarondeye ari incuti kandi ata mutima mubi urimwo ahubwo n’ejo bobikorerako bagashaka kujana nabo mu ntara imwe canke zibiri ndetse n’izirenga boza bakavugana ngo kuribo imiryango iruguruye n’aho biruko.

Facebook Comments

Most Popular

Ivyokorwa kugira umutekano utsimbatare mu gisagara ca Bujumbura

«Ukurwanya amarigara no gushira amatara ku mpangu ngo ni bimwe mu vyofasha kwongereza umutekano muri komine Mukaza mu gisagra ca Bujumbura. » Ivyo ni ivyashikirijwe kuri...

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Facebook Comments