Home homepage FFB : Umwambaro w'intamba mu rugamba uriko uragurishwa

FFB : Umwambaro w’intamba mu rugamba uriko uragurishwa

Imiryango iruguruye ku barundi bose bipfuza kugura umwambaro w’intamba mu rugamba.

Kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka 2019 mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bari batanguye kugurisha icese imyambaro y’intamba mu rugamba itandukanye.

Iyo myambaro ikaba iri mu bwoko butatu : iyisa n’urwatsi rutoto ririko ibara ritukura, iyera hamwe n’ibara ritukura hamwe n’iyitukura ifise ibara ryera.

Umwambaro umwumwe ukaba ugurishwa amafaranga y’amarundi angana n’ibihumbi mirongo itanu (50.000Fbu).

Mwomenya y’uko gushika ubu mw’ishirahamwre ry’umupira w’amaguru FFB bakaba ngo bakiriko bariga ukuntu iyo myambaro yoshobora gushikira abayikeneye bari mu gihugu hagati.

Facebook Comments

Most Popular

#Basketball |Loko ntakibarizwa mu Burundi

Uwahora ashikiriza ibiganiro vy'inkino ,ivy'urukundo na zinduka kuri Buja fm akaba kandi yari umumenyereza w'imirwi nka New stars , Les gazelles, Berco stars ,Les...

Buffaloes Fc uzokina na Messager Ngozi munzira ugana mu Burundi

  Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 03 Kigarama 2020, niho abakinyi na Staff y’umugwi Buffaloes Fc bavuye muri Eswatini berekeza mu gihugu c’Uburundi mu...

Ingingo nshasha zafashwe mu ntumbero yo kurwanya coronavirus

Kuva aho ikibuga c'indege Melchior Ndadaye hamwe n'iyindi mipaka y'uruja n'uruza vyugururiwe ngo ibice 95 kw’ijana vy’abatowe coronavirus baje bavuye hanze y’igihugu. Mu kiganiro yahaye...

Ngo ntiricemerewe kugurisha ama ‘’unités’’ nk’uko vyahora

Ishirahamwe Payway ryahora rifasha mu kugurisha ama "unité" no mu kuriha amafagitire y’amatara n’amazi vy'ishirahamwe Regideso ngo ntirirekuriwe gusubira kuja kurangura ama "unité" muri...

Facebook Comments