Home homepage Makamba ibandanya yakira abarundi bariko barahūngûka bava Tanzaniya

Makamba ibandanya yakira abarundi bariko barahūngûka bava Tanzaniya

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 18 Mukakaro umwaka w’2019, abarundi bagera ku majana atatu na mirongo umunani n’umwe niho bahunguka bavuye mu makambi y’impunzi ya Nyarugusu, Nduta na Mtendeli yo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Nk’uko tubikesha abajejwe umutekano, abo bantu bagizwe n’imiryango ijana na mirongo ibiri ngo harimwo abagabo 174 hamwe n’abapfasoni 207 bakaba ngo bashikiye i Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba igihe c’isaha zitatu zo mu gitondo.

Muri abo bahungutse, abagera ku majana abiri na mirongo itanu n’umunani bakaba ngo bakomoka mu ntara ya Makamba, ijana na cumi n’umwe bagakomoka mu ntara ya Rutana nayo icumi na babiri bakamuka mu ntara ya Rumonge.

Facebook Comments

Most Popular

Success: Mbega weho ku bwawe succès ni iki? Ni ukugira amafaranga menshi?

Abandi banditsi batandukanya bagiye bariyumvira définition boha ijambo "succès" basanga  ntivyoroshe. Nk'uwitwa Jim Rhon mu gitabo yanditse citwa' 7 Strategies for Wealth and Happiness"...

Mista Champangne yagirijwe uburozi, batanga n’ivyemezo

https://www.youtube.com/watch?v=RSdpqBI8WlM Mista Champagne yagirijwe uburozi impande zose, haba mu baririmvyi co kimwe na bamwe mu bahoze ari abamenyeshamakuru, ariko bagikurikiranira hafi ivy'uwo muziki. Inyendamuvano ni Post...

# Indundi Sports| Rallye yungururijwe ku yindi sango ku mvo z’urufpu rw’umunywanyi wayo

  Komite shingwa bikorwa (Exécutif)ya Club Automobile yo mu Burundi muri Rallye iri n’umubabaro mwishi wo kubamenyesha urupfu  giturumbuka rw’umunywanyi wayo. Niyonkindi Didier akaba yitavye Imana...

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

  Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu...

Facebook Comments