Home homepage Ibiciro vyo kw'injira mu rukino rw'intamba na Sudani y'epfo vyamenyekanye

Ibiciro vyo kw’injira mu rukino rw’intamba na Sudani y’epfo vyamenyekanye

Kuri uyu wa gatandatu uza igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019, igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’Intwari harindiranwe igishika urukino rukomeye rwo kurondera itike yo gukina CHAN 2020 ruzohuza Intamba mu rugamba z’abakinyi bakina hano iwacu hamwe n’umugwi nserukiragihugu wa Sudan y’epfo.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka wa 2019, ishiramwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona ibiciro vyo kwinjira kurorera urwo rukino. Ivyo biciro bikaba bimeze uku gukurikira :

– Ku mpande z’ikibuga : kwinjira ni amafaranga 2000fbu

– Mu bwugamwo A na D : kwinjira ni amafaranga 5000fbu

– Mu bwugamwo B na C : kwinjira ni amafaranga 10.000fbu

V.I.P : ni amafaranga ibihumbi 20.000fbu

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments