Home homepage Breaking News : Kashindi Joseph yaguzwe muri Rukinzo Fc

Breaking News : Kashindi Joseph yaguzwe muri Rukinzo Fc

Umugwi Rukinzo Fc ubandanya wiyubaka mu kugura abakinyi bashasha kugira witegurire neza ihiganwa rya CAF confederation Cup rigiye gutangura mu misi ya vuba.

Kuri uyu wa gataru igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka wa 2019, umugwi Rukinzo Fc wahaye amasezerano mashasha y’imyaka ibiri umukinyi w’inyuma wa Musongati Fc ariwe Kashindi Joseph. Uyo mukinyi  akaba ari umwe ashobora gukina ibibanza nka vyose mu gihe aba ari mu kibuga.

Mwomenya y’uko Kashindi Joseph amaze guca mu migwi ikomakomeye ya hano iwacu nka Inter Star, Vital’o Fc , Musongati Fc, nayo muri kino gihe akaba agiye gukinira umugwi w’abaporisi Rukinzo Fc.

Facebook Comments

Most Popular

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook...

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa...

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu. Ico...

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Facebook Comments