Home homepage Uburundi bwatakaje ibibanza 14 ku rutonde rwa FIFA

Uburundi bwatakaje ibibanza 14 ku rutonde rwa FIFA

Umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba watakaje ibibanza 14 ku rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri kwezi.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro umwaka wa 2019, ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryasohoye urutonde rw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibibanza mu kwezi guheze kwa Ruheshi.

Intamba zikaba zatakaje ibibanza 14 , zikaba zisanze mu kibanza ca 148 mugihe mu kwezi rwa Rusama intamba zari mu kibanza ca 136.

Benshi bakavuga y’uko ukwitwara nabi kw’intamba mu rugamba mw’ihiganwa rya CAN nivyo vyoba vyatumye Uburundi butakaza ivyo bibanza .

Mu nkino 2 za kivandimwe wakinye na Algeria hamwe na Tunisia Intamba mu rugamba zaronse inota rimwe , usubira kandi ukina inkino 3 za CAN uronka amanota 0 n’ukuvuga mu nkino 5 wakinye zose ntiwigeze utsinda .

Mu bihugu dusangiye kano karere ka CECAFA nka Tanzania tuyisanga mu kibanza ca 137 , Urwanda nabwo tubusanga mu kibanza ca 133 , Kenya ikaba iri mu kibanza ca 107 , mugihe Ubuganda ubusanga mu kibanza ca 80.

Ariko naho biri uko abajejwe gutunganya ivyo bibanza boba barabira kuki? Ni mu makuru yacu yo hanyuma.

Mwomenya ko igihugu gifata ikibaza kikiri Ububirigi bugakurikirwa na Brezil hama hagaca hakurikira Ubufaransa.

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi Musongati Fc washitse neza i Lusaka muri Zambia

  Umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup waraye ushitse neza i Lusaka mu gihugu ca...

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 13

  Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 na 06 Kigarama 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus league rizobandanya kundwi yaryo...

Olivier Niyungeko niwe yatahukanye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi kwa Munyonyo

  Ata gukekeranya umumenyereza w’umugwi Vital’o Fc akongera akaba icegera c’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyingeko niwe yatahukanye agashimwe gasanzwe gatangwa na BCM Burundi...

Ahamagarira abana kwiga urukino rwa Karaté

Mu bihe vy’ibiruhuko abamenyereza mu nkino zitandukanye baratunganya ivyirwa ku bana baba bari mu karuhuko, nko mu nkino za Football, na Basketball hamwe na...

Facebook Comments