Home homepage Eliminatoire CHAN2020 : Intamba mu rugamba zirahiye Sudani y'epfo

Eliminatoire CHAN2020 : Intamba mu rugamba zirahiye Sudani y’epfo

Intamba zibandanya zitwara neza mu kwakirira iyindi migwi hano i Bujumbura.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro umwaka wa 2019 igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’Intwari aho hari haramutse haba urukino rwa mbere rwo gukurakuranamwo mu kurondera itike yo gukinira igikombe c’abakinyi bakina mu bihugu iwabo CHAN2020, izo nkino zikaba zizobera muri Cameroun. Urwo rukino rukaba rwarangiye Intamba mu rugamba zirahiye Sudani y’epfo ibitsindo 2-0.

Igice ca mbere casa nk’icagoye cane abakinyi b’intamba mu rugamba kuko carangiye imigwi uompi ifise ubusa. Yamara mu gice ca kabiri umenyereza Alain Olivier Niyungeko ari kumwe na Staff yiwe bahindura umukenyuro mu kwinjiza mu kibuga abakinyi batatu bashoboye kuzana impinduka aribo Jospin, Olivier Bayizere hamwe na Gakiza Aimé ivyatumye Dusabe Olivier atsinda igitsindo ca mbere c’intamba mu rugamba ku munota wa 63 w’urukino maze ica kabiri gitsindwa na Jospin ku munota wa 82 ivyatumye iminota 90 irangira Intamba zirahiye Sudani y’epfo ibitsindo 2-0.

Intamba mu rugamba zikaba zisigaye gukina urukino rwo gusubiriza nayo nizaramuka zirutsinze canke zikanganya zishobora kuzoca zihura n’umugwi nserukiragihugu wa Uganda ariwo Uganda Cranes.

Mukamenya y’uko abo bakinyi babiri batsindiye Intamba mu rugamba ko basanzwe bavuka mu muryango umwe aho Dusabe Olivier avukana na se wa Jospin.

Facebook Comments

Most Popular

Ivyokorwa kugira umutekano utsimbatare mu gisagara ca Bujumbura

«Ukurwanya amarigara no gushira amatara ku mpangu ngo ni bimwe mu vyofasha kwongereza umutekano muri komine Mukaza mu gisagra ca Bujumbura. » Ivyo ni ivyashikirijwe kuri...

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Facebook Comments