Home homepage Abanyeshure b'i Makamba barihiwe amatike kugira bazoshigikire Aigle Noir

Abanyeshure b’i Makamba barihiwe amatike kugira bazoshigikire Aigle Noir

Urukino rwa Champions league ruzohuza umugwi wa Aigle Noir hamwe na Gormahia rwitezwe gushigikirwa n’abanyeshure b’i Makamba .

Mu gihe hasigaye imisi itatu gusa kugira urukino rwa Champions league ruzohuza umugwi Aigle Noir hamwe na Gormahia wo muri Kenya rube, ishirahamwe rifata mu mugongo umugwi Aigle Noir ariryo Fondation Pax Burundi ryifadikanije n’abasanzwe barifasha ririko rironderera amatike abanyeshure bari mu buruhuko kugira bazoze gushigikira Aigle Noir ku bwinshi.

Ivyo bikaba vyanditswe ku rubuga Facebook rw’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, akaba umukuru w’inama nkenguzamateka akongera akaba ari umwe mu ndongozi z’umugwi Aigle Noir Honorable Reveriyano Ndikuriyo.

Akaba yagize ati : “Bakunzi b’umupira w’amaguru na cane cane banyeshure muri mubiruhuko, FONDATION PAX BURUNDI isanzwe ariyo ifata mu mugongo
Umurwi wa AIGLE NOIR, ifadikanije n’abasanzwe bayifasha iriko irabaronderera amatike yo kwinjira ku rukino rwa CAF CHAMPIONS LEAGUE

AIGLE NOIR CS THE FIGHTERS (BURUNDI)
VS
GOR MAHIA ( KENYA)

Mube muritegura kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Myandagaro bazobabwira uko ayo matike angana.

Ntakitazokorwa kugira abashoboka bishikire kuraba urwo rukino.

Mukamenya y’uko urwo rukino ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro umwaka wa 2019, isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari.

Facebook Comments

Most Popular

Agriculture: Ntacobuza ko ikigoti kimwe kivamwo ibiro birenga 20

Mu gihe igiterwa c’imyumbati citaweho neza, ngo ikigoti kimwe gishobora kuvamwo umwimbu ushimishije cane. Aho yari yagendeye intara ya Gitega neza na neza muri karitiye...

Abakinyi ba Musongati Fc bafashe urugendo berekeza muri Zambia

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Kigarama 2020, niho umugwi Musongati Fc w’i Gitega wafata indege werekeza mu gihugu ca...

Ivyokorwa kugira ngo imyuzure igabanuke mu gisagara ca Bujumbura

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ngo barakwiye kwubaka amazu bisunze amategeko agenga ivyo kwubaka kugira birinde guterwa n'imyuzurira yama yibonekeza, ikonona ibintu bitari...

#YBSP| Sorora ikaye abana bave mw’ibarabara baje kwiga

Birahoboka kandi biramaze no gushoboka gukura abana mw’ibarabara abana bakavamwo imisore n’inkumi nziza zifise kazoza keza.   Urukundo no kwitanga vy’umwumwe mu barundi bagize ihuriro ry’urwaruka...

Facebook Comments