Home Entertainment Diamond Platnumz buca agaruka guteramisha abanya Bujumbura

Diamond Platnumz buca agaruka guteramisha abanya Bujumbura

Inyuma y’igiteramo akoreye i Bujumbura atumweko n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi kikitabirwa n’abantu batari bake, Diamond agiye kugaruka  i Bujumbura ahakorere ikindi giteramo. Akazoba azanwe na kamwe mu bubare bwa hano iwacu kazwi kw’izina rya Zion Beach kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro uwu mwaka arinaho azoba ariko arateramisha abanyabujumbura bazoba bamwitavye nkuko biza vyamaze kuja ahabona ndetse namahera y’ukwinjira mu bibanza bitandukanye akaba yamaze kumenyekena aho mu kibanza gisazwe azoba ari amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50.000Fbu) nayo mu bibanza vy’iteka bakunze kwita VIP akazoba ari ibihumbi mirongo itandatu na bitanu vy’amarundi (65.000Fbu).

Harategekanijwe kandi imeza zigera kuri zitandatu z’abashitsi b’iteka bakunze kwita VVIP, gusaba ko bakubikira ico kibanza usabwa kwakura ku nomero ya terefone 76 779 999.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaheruka hano iwacu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2019  kuri ETS Kamenge mu giteramo c’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic.

 

Facebook Comments

Most Popular

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook...

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa...

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu. Ico...

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Facebook Comments