Home Entertainment Arthur Ban abarizwa munzu Lincoln center gukarisha ubwenge

Arthur Ban abarizwa munzu Lincoln center gukarisha ubwenge

 

 

Arthur Banshayeko, umukinyi akaba anatunganya Impáramíco (Theatre) n’amalelesi azwi kw’izina rya Arthur Ban abarizwa mukigo Lincoln Center kiri i New York muri Leta z’unz’ubumwe za Amerika akaba ari gukarisha ubwenge mu mugāmbi “Lincoln Center Theatre Director’s Lab”.

Yashitseyo kuwa 3/8/2019 akaba azorangiza ivyo vyirwa inyuma y’indwi zitatu.

Ibi vyirwa bihuza abatunganya impáramíco 58 bava mu bihugu 29 vy’impande zose z’isi.

Kubwa Arthur, LCT Director’s Lab ni ishure rikomeye, akaba yemeza ko ari umuserukizi, ijisho n’ugutwi vy’urunani rw’abakorera mu gisata c’împáramíco mu  Burundi.

Avuga ko agarutse mu Burundi azoshikira gusangiza abandi ubwo bumenyi.

Mwomenya ko ikigo Lincoln center ari ikigo gituntanya imparamico , kikaba gifise ingoro ndanga mico y’akarore, ingoro y’ akarorero yubatswe kuri hegitare zitandatu (6 H) Manhattan i New York ku mugabane wa America.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Uwariwe wese yipfuza guherekeza Intamba muri Mauritania imiryango iruguruye

Mu kiganiro yari yakoranye n'abanditsi hamwe n'abamenyeshamakuru Ku musi wa Gatanu Igenekerezo rya 16 Gitugutu 2020, uwuramutswa ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB umukenguzamateka...

# Indundi Sports | Saido Berahino yahumye mu Bubirigi

Kuri uyu w'Imana Igenekerezo rya 18 Gitugutu 2020 , niho ihiganwa ryo mu Bubirigi Jupiler Pro ryabandanije kundwi yaryo igira 9. Umugwi mushasha ukinamwo Kizigenza...

Aragabisha abogerageza kuburabuza ibikorwa vy’umurwi CVR

Ivyo umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR umaze imisi uriko urakora, ngo si ukuzura akaboze nk’uko benshi bavyibaza. Ivyo ni ibishikirizwa na Cyriaque...

Mutaho: Imigambi 2 iherutse gushirwaho igiye gutuma ubworozi butera imbere

Umugambi w'uko umwana wese wo muri komine Mutaho intara ya Gitega, yotunga n'imiburiburi urukwavu rumwe hamwe n'uwo gutera ubwatsi bw'ibutungwa ku mabarabara yose ari...

Facebook Comments