Home homepage Gael Bigirimana : Tugiye kwereka Tanzania ico twahinduye

Gael Bigirimana : Tugiye kwereka Tanzania ico twahinduye

Mu kiganiro bakoresheje abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha zitatu zo mu gatondo ari kumwe n’umumenyereza wiwe w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko, icegera ca kizigenza w’intamba mu rugamba Gael Bigirimana yemereye abarundi y’uko bagiye kwereka impinduka batanguriye kuri Tanzania.

“Abakinyi bose tumeze neza kandi turizeye y’uko tuzoronka intsinzi inguvu ziracari zazindi nyene ubumwe bwacu no kumenya intumbero yacu n’iyihe n’ico abarundi bipfuza mu gikombe ca CAN 2019 ntitwigeze turonka intsinzi ariko turazi y’uko tubandanije kwakundi nyene twitegura intsinzi izoboneka. Mu kazi kacu k’umupira buri rukino rugenda rukwungura ubumenyi twarakinye inkino zitandukanye harimwo inkino zo kurondera itike yo gukina CAN hamwe n’inkino za CAN, ku musi w’ejo tugiye kwereka Tanzania ico twahinduye”.

Abajijwe kuvyerekeye ya mvugo aba Tanzania bavuze yo kufyeka Uburundi akaba yishuye ati” na Gabon yari izi y’uko izo dufyeka , Algeria nayo nyene n’uko , Tunisia nayo nyene ariko muvyukuri nitwebwe twabaha iyo ntsinzi ayo yose ni amajambo reka turindire ku musi w’ejo tuzobandanya twandikisha amateka yo kudatsindirwa hano ku kibuga c’intwari”.

Akaba yarangije asaba abakunzi b’intamba mu rugamba y’uko bobaha icizere kuko ni urukino rw’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba nabo nyene ni abarundi naho bobo bazoba bari hanze y’ikibuga ariko bose bazoba bariko bagwanira igihugu.

Facebook Comments

Most Popular

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Facebook Comments