Home homepage Burundi vs Tanzania : Urutonde rw'abakinyi 11 b'intamba baza gutangura mu kibuga

Burundi vs Tanzania : Urutonde rw’abakinyi 11 b’intamba baza gutangura mu kibuga

Umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombora yamaze gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 11 baza gutangura mu kibuga mu rukino ruza kubahuza na Tanzania, urukino rutegekanijwe kuza gutangura igihe c’isaha icumi (16h00) za Tanzaniya n’ukuvuga isaha icenda (15h00) mu masaha ya hano iwacu.

Aba nibo bakinyi b’intamba 11 baza gutangura mu kibuga :

1) Ndikumana Justin
2) Ramadhan Diamond
3) Joel Bacanamwo
4) Nsabiyumva Fréderic
5) Nshimirimana David
6) Gael Bigirimana
7) Kanakimana Bienvenue
8) Cédric Amissi
9) Fiston Abdoulrazzaq
10) Saido Berahino
11) Mohammed Amissi.

Mwokwibuka ko urwo rukino ruza kuba urwo gusubiriza mu gihe urwo gutangura rwabereye i Bujumbura kuwa 4 Nyakanga 2019, imande zompi uko ari zibiri zanganije igitsindo kimwe ku kindi.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments