Home abakinyi bakina hanze kabera Christian Morinho yashinzwe amabanga muri les Jeunes Athletic

kabera Christian Morinho yashinzwe amabanga muri les Jeunes Athletic

Umumenyereza Christian Kabera batazira Morinho yashinzwe amabanga mu mugwi Les jeunes Athletic wo mu cicaro ca kabiri.

Hari kuri Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 26 Kigarama umwaka wa 2018 aho Kabera Christian yashinzwe amabanga yo kuba umuyobozi w’ubuhinga ( Directeur Technique ) mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri witwa les jeunes Athletic.

Akaba agiye gukurikirana ibikorwa vy’uwusanzwe amenyereza uwo Mugwi Amouri Manirakiza . Kabera Christian Morinho niwe mumeyereza wa mbere ataramba mu migwi bivanye n’ivyo yama yasezeranye n’abamurongoye badashitsa ivyo bikaba biri mu kiganiro yahaye Indundi Sports .

Akaba amaze guca mu migwi itandukanya nka Magara Star, Ngozi City , Delta Star , Flambeau de l’Est, Vietel, Academies Kigali hamwe na Butare City .

Facebook Comments

Most Popular

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Urwevu: Ukuborerwa vyoba bijanye n’agaciro ”ubuntu” ( la dignité) ?

Iyo umuntu yanyoye utuyoga rero akarenza kugera aho abantu bavuga ko yaborewe, haba hari ibintu vyinjsi vyabaye mu bwonko. Biba bisa n'ivyabaye nk'uruzi rwasebuye,...

Facebook Comments