Home homepage Moussa Omar yaguzwe muri Police Fc

Moussa Omar yaguzwe muri Police Fc

Inyuma yo kumara imisi itari mike ata mugwi afise kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga umwanka wa 2019 , Moussa Omar asanzwe akina inyuma mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba yaguzwe mu mugwi Police Fc wo mu gihugu c’Urwanda, akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo kingana n’imyaka ibiri.

Moussa Omar mu mwaka uheze yahora akina mu mugwi Sofapaka Fc yo mu gihugu ca Kenya, akaba agiye mu mugwi Police Fc ahasanze abandi bakinyi b’abarundi nka Ndoriyobija Eric , Hakizimana Issa Vidic , Kevin Pastore , Magloire , Nimubona Emery Kadogo , Issufu Lule tutibagiye n’umumenyereza w’umurundi ariwe Haringingo Francis Mbaya .

Facebook Comments

Most Popular

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

https://m.youtube.com/watch?v=-BIr5LPrtJI Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico...

Igituma urwaruka ruheza amashure ntirumenye ariko ntirumenye kuvuga ururimi rw’icongereza

Mu Burundi hariho urwaruka ruheza amashure yisumbuye mbere na kaminuza ariko rudashobora no kuvuga ngo rutange ivyiyumviro mu rurimi rw'icongereza. Ariko rero ntibisigura ko batazi...

Impamba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye atekereye abarundi

Umukuru w'igihugu asaba abarundi bose guharanira amahoro aho umwe wese aba, bayatsimbataze bari hamwe bose kugira bashobore kugwaniriza hamwe umwansi w'ubukene mu muryango. Evariste Ndayishimiye...

Facebook Comments