Home homepage Umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika amenyesha ko abamenyeshamakuru ba Iwacu batazira akazi kabo

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika amenyesha ko abamenyeshamakuru ba Iwacu batazira akazi kabo

Nk’uko tubisanga mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika Sylvestre Nyandwi kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 31 Gitugutu 2019, abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu ngo bari mu minwe y’ubutungane.

Muri iryo tangazo nyene, umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika Syvestre Nyandwi aributsa ko abo bamenyeshamakuru bane hamwe n’umushoferi wabo bafashwe inyuma y’igitero cari cakozwe mu ntara ya Bubanza muri komine ya Musigati igenekerezo rya 22 Gitugutu 2019, akavuga ko bafatiwe aho nyene igihe abajejwe umutekano bariko barwanya uwo murwi wari wateye, mu matohoza bagize ngo bakaba babonye ko hari ico abo bantu boba bari bazi kuri ico gitero.

Umushikirazamanza kizigenza wa Repubilika agahakana ko ifatwa ryabo ataho rihuriye n’akazi kabo ko kumenyeshamakuru.

Abandanya avuga ko abamenyeshamakuru Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana n’uwabunguruza Adolphe Masabarakiza bamaze kwugururirwa dosiye zabo muri parake ya Bubanza bakaba bagirizwa kwifadikanya n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Facebook Comments