Home homepage Umurwi "The Gift Films Society" ugiye kuzana ireresi nshasha wise "Intwari z'urukundo"

Umurwi “The Gift Films Society” ugiye kuzana ireresi nshasha wise “Intwari z’urukundo”

Umurwi ukina amareresi mu gisagara ca Bujumbura “The Gift Films Society” ubandanya uvyifatamwo neza mu gukina amareresi y’akataraboneka canecane mu rurimi kavukire rw’ikirundi.

Mu kiganiro gito indundi yagiranye na Ciza Joseph asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’uyo murwi “The Gift Films Society”, uwo murwi umaze gukina amareresi atari make yawutumye umenyekana mu duce dutandukanye haba  mu gisagara ca Bujumbura ndetse no hagati mu gihugu nk’ireresi bafadikanije n’abaririmvyi babiri, Jean Pierre Nimbona benshi bazi kw’izina rya Kidumu, Kibido hamwe na Rally Joe yatumye batorwa mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Soft Media “Festival ya SOFT MEDIA”.

Nk’uko bwana Ciza abandanya abituyagira, uwo murwi arongoye ngo uriko urategura gushira ahabona vuba iyindi reresi izoza itavyorosha bataziriye “INTWARI Z’URUKUNDO”, ireresi amenyesha ko yayikoze mu buhinga budasanzwe harimwo n’ubwo yasumye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Twobamenyesha y’uko uriko uraraba muri ino minsi, urwaruka rw’Ubarundi rukina amareresi ruriko ruritanga ku muvuduko udasanzwe urwo tumaze kuganira rwose rukaba rumenyesha ko indoto yarwo aruko rwoshikana Igihugu carwibarutse kure rubicishije mu mareresi n’aho uburyo burugora kuronka musanzwe muzi ko ireresi itwara uburyo butari buke kugira ngo umuntu ayitegure, ayikine maze abone kuyishira ahabona.

Ukaba wipfuza y’uko urwaruka rwacu rutera iyindi ntambwe mu mareresi, ukaba ukunda ivy’iwacu, gira ico uterereye runo rwaruka uzoba urufashije gushika ku ndoto nziza rufise.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Facebook Comments