Home Entertainment #MissBurundi2019| Inyuma y’umwaka wose ata Miss Burundi ahari uno mwaka agiye kuboneka

#MissBurundi2019| Inyuma y’umwaka wose ata Miss Burundi ahari uno mwaka agiye kuboneka

Inyuma y’ikiringo c’umwaka wose mu Burundi ata Miss Burundi ahari, Miss Burundi Event yabagarukaniye Miss Burundi 2019.

Igikorwa co kwiyandikisha mubazohiganirwa kuba Miss Burundi 2019 caraye gitanguye gitangujwe n’umugwi Miss Burundi Event. Nk’uko tubishikirazwa n’abariko barategura ico gikorwa bakaba batanguye kwandika abakobwa bipfuza guserukira intara zabo, iyandikwa ryaraye ritanguye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Munyonyo 2019 rikazorangira kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2019. Iryo higanwa rikazoba mu mici ine ariyo : Cibitoke, Ngozi, Gitenga na Makamba.

Mu Cibitoke hakazohurira abigeme bavuye muntara zine arizo: Cibitoke, Bubanza, Bujumbura Rural na Bujumbura Marie; i Ngozi naho hahurire intara zine : Ngozi, karusi, Kayanza, Muyinga, na Kirundo; i Gitega hahurire intara zitanu arizo: Gitega, Ruyigi, Cankunzo, Muramvya, na Mwaro; i Makamba naho hazohurira abigeme bavuye mu ntara za Rutana, Makamba, Rumonge, hamwe na Bururi.

Bahejeje ahohose bazoca baronka abigeme mirongo ibiri bace baja muri  démi-Final izobera i Bujumbura kw’igenekerezo rya 14 Kigarama 2019, nayo Final ikazoca iba itariki 21 Kigarama 2019.

Mwomenya ko kucerekeye agashimwe canke ibahasha rizohabwa uwatsinze kataramenyekana ngo ntiharagera eka n’abazomukwirikira bose n’uko nyene nk’uko uwo mugwi ujejwe gutegura iryo higanwa ubivuga. Akabirya ngo n’uko  bazoraba mwiryo higanwa batanu bambere kuvuga :

  1. MissBurundi2019;
  2. 1ère Dauphine;
  3. 2ème Dauphine;
  4. Miss Populaire hamwe na
  5. Miss Héritage.

Ikindi mwomenya n’uko kubipfuza kuja kwiyandikisha n’uko uba uri umwigeme mwiza, w’Umurundi, yahejeje amashure y’igice ca mbere, afise kuva ku myaka 18 y’amavuko gushika kuri 25 kandi afise uburebure buhera kumetero imwe na santimetero mirongo itandatu (1,60m) ukaba kandi utarenza ibiro 65 (65Kg).

Facebook Comments

Most Popular

Uburundi bwakuwe ku rutonde rw’ibihugu bizokwirwako n’inama mpuzamakungu ONU

Ni umunezero udasazwe ku Burundi n’abarundi aho bwasabiye ko bukurwa ku rutonde rw’ibihugu vyirwako n’inama mpuzamakungu ONU ijejwe ivy’umutekano. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji...

Agriculture: Ntacobuza ko ikigoti kimwe kivamwo ibiro birenga 20

Mu gihe igiterwa c’imyumbati citaweho neza, ngo ikigoti kimwe gishobora kuvamwo umwimbu ushimishije cane. Aho yari yagendeye intara ya Gitega neza na neza muri karitiye...

Abakinyi ba Musongati Fc bafashe urugendo berekeza muri Zambia

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Kigarama 2020, niho umugwi Musongati Fc w’i Gitega wafata indege werekeza mu gihugu ca...

Ivyokorwa kugira ngo imyuzure igabanuke mu gisagara ca Bujumbura

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ngo barakwiye kwubaka amazu bisunze amategeko agenga ivyo kwubaka kugira birinde guterwa n'imyuzurira yama yibonekeza, ikonona ibintu bitari...

Facebook Comments