Home Entertainment "Hayakuhusu" niko kazina k'indirimbo nshasha igiye kuzosohorwa na B-Face

“Hayakuhusu” niko kazina k’indirimbo nshasha igiye kuzosohorwa na B-Face

Inyuma y’indirimbo Impa yakoranye na Tom Close akaba arinayo ariko aramenyekanisha kumasamirizi n’imboneshakure zitandukanye zisazwe ziri i Kigali mu Rwanda, Hayakuhusu niyo igiye kuzosohoka mumisi.

I Kigali mu Rwanda B-Face icamujanye ngo n’ugukora Media Tour y’indirimbo bakoranye na Tom Close, nk’uko baheruka kubikora aha iwacu barikumwe bose kandi bikaba biriko bigenda neza. Tom Close  umuririmvyi asazwe akora bigashimwa iwabo aho yaheruka ino  bari kw’insamirizi imwe yaha iwacu akaba yarashoboye kugaragaza uko yabonye B-Face igihe bakora indirimbo Impa basazwe bariko baramenyekanishiriza hamwe ubu mu Rwanda  yaravuze koyipfuza ko bazosubira gukorana ikindi gikorwa ariwe amurondeye kuko yabonye ko ari umuririmvyi ameze neza w’umutima.

Igihe Indundi magazine yarondera B-Face yavuzeko Media Tour iriko igenda neza muri rusangi aho amasamirizi nka yose bamaze kuyacako nayo kumusi w’ejo igenekerezo rya 8 Munyonyo 2019, bazozinduka baja kw’insamirizi Kiss Fm.Kucerekeye indirimbo Tom Close yipfuza ko bokorana nawe nayo bikaba bikiri mu migambi umusi n’umusi izokorwa ngo bizomenyeshwa, ariko uwo muririmvyi B-Face arongera akavuga ko afise ikindi gikorwa mu misi kigiye gusohoka aho kizosohoka kw’izina rya Hayakuhusu ikazosohoka ikozwe n’umuhinyanyuzi Kolly tha Magic.

Facebook Comments

Most Popular

Abaforomakazi bo muri Ghana bafise ikibazo c’ukubura abagabo

https://www.youtube.com/watch?v=37rxy3pL9aE Abatari bake mu baforomakazi bo mu gihugu ca Ghana barafise ibibazo bikomeye bijanye n’ukutarongorwa, iyo ikaba ari imyidogo yashikirijwe na bamwe mu kiganiro bahawe...

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Facebook Comments