Home homepage Nduwarugira Christophe ntiyajanye n'abandi i Bangui

Nduwarugira Christophe ntiyajanye n’abandi i Bangui

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Munyonyo 2019 , niho umugwi wa mbere urimwo abakinyi bamwe bamwe b’intamba mu rugamba bafashe indege berekeza i Bangui mu ntumbero yo gutana mu mitwe n’umugwi wa République Centre Africaine mu rukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 mugihe umugwi wa kabiri nawo uzofata urugendo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019.

Intamba mu rugamba zikaba zafashe urugendo zidafise umukinyi Nduwarugira Christophe kumvo z’uko uyo mukinyi yagize ingorane z’impapuro bita Permis de Résidence n’ubu akirondera kuko iyo yari guhava yihenda agasohoka mu gihugu akinamwo vyari kumugora kugarukamwo ivyo bikaba bivugwa n’umunyamabanga mukuru w’ishiramwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Jérémie Manirakiza.

Nduwarugura Christophe akaba agiye gusiba inkino zibiri Uburundi bwimirije gukina kuwa kuwa 13 Munyonyo i Bangui na RCA hama kandi na Maroc kuwa 19 Munyonyo i Bujumbura.

Nduwarugira Christophe akaba yiyongereye ku bandi bakinyi bagize ikibazo c’imvune batazoboneka muri izo nkino zibiri nka kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino, David Nshimirimana hamwe na Nsaviyumva Fréderic.

Inyuma y’iryo bura rya Christophe Nduwarugira ku munota wanyuma haciye hasigara abakinyi 17 gusa nibo bazotana mu mitwe na RCA mugihe umumenyereza yari yahamagaye abakinyi 19.

Mukamenya y’uko Nduwarugira Christophe akina mu gihugu ca Portugal mu mugwi Varzim SP ukina mu cicaro ca kabiri.

Facebook Comments

Most Popular

Ngozi : Mu myaka 5, hatwaye inda z’ishushu abarenga amajana atanu.

Abanyeshure bashika 527 ni bo batwaye inda z'indaro mu ntara ya Ngozi, kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2020. Ihangiro ry'intara ya Ngozi n'uko...

Bikurubikuru mu vyaranguwe mu gisata c’uburimyi

Ubushikiranganji bw'Uburimyi, ubworozi hamwe n'Ibidukikije bumenyesha ko ibikorwa vyagenze neza kubice 98% mu gice ca mbere c'umwaka wa 2020-2021. Bikurubikuru mu vyaranguwe mu gisata c’uburimyi...

Basaba ikiringo bahawe na Reta co kwugara ko cokwongerezwa

Ishiramwe mpuzamakungu ONU risaba ko ikiringo catanzwe na Reta y’Uburundi ngo habe hugawe ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe congerezwa. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu,...

Ivyaranguwe n’ibigiye kurangurwa mw’ishirahamwe ATRABU

Abanywanyi barenga 300 b'ishirahamwe ATRABU rijejwe gutwara abantu n’ibintu mu Burundi nibo barihiwe amafaranga y’ubwishingizi (assurance). Imiriyoni  zirenga 90 ngo zarahawe amashirahamwe akorera muri...

Facebook Comments