Home Burundi Inyuma yo kuronswa amasezerano mu gihugu ca Tanzaniya, ubu yizewe n’abarundi

Inyuma yo kuronswa amasezerano mu gihugu ca Tanzaniya, ubu yizewe n’abarundi

Natacha Ngendabanka n’umwe mu baririmvyi bariko bakorana ishaka n’ingumvu nyinshi aho ubona aza mu kibanza ca mbere mu baririmvyi bagerageza gusohoka igihugu ndetse bakanakora ama Collabo agiye atandukanye.

Inyuma yaho akoreye indirimbo ari kumwe n’umuririmvyi ariko araza neza ariwe Fik Fameica wo mu gihugu c’Ubugande ni Natacha yahavuye afata urugendo rumwerekeza mu gihugu ca Tanzaniya aho yarajanywe n’ugusinya amasezerano n’ishirahamwe StarTimes ryo muri ico gihugu ca Tanzaniya aho ubona ko ari iyindi ntambwe nini kuri uwo muririmvyikazi ndetse no kwizina ry’igihugu c’Uburundi

Ni Natacha aho yagaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro yaje azananye ayandi masezerano y’iryo shirahamwe nyene risanzwe rikorera mu gihugu c’Uburundi.

Aho yashika ni Natacha yagize ati kuba nahawe amasezerano hanze y’igihugu iwacu batarabikora ntibitangaje cane kuko twamye inyuma muri vyose ariko nk’uko tubandanya twitanga biriko biraza kandi bazodutahura ko ushize izina ry’umurirumvyi mubikorwa Utegerezwa kuronka akarusho

Ivyo bibabaye mu gihe Natacha avuga ko atamwanya mu nini agiye kumara i Bujumbura ariko imbere y’uko yerekeza mugihugu c’ubutariyano yemeza ko agiye gukora collabo hano iwacu akazoyikorana n’umuririmvyi w’umurundi ibintu bisa n’ibitari bimenyerewe cane kuri Natacha.

Facebook Comments

Most Popular

Uwuserukira Uburusiya mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka

  Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Kigarama 2020, umukuru w'inama nkenguzamateka Sinzohagera Emmanuel yuguruye icese isasa risanzwe rya Kigarama ry'inama nkenguzamateka, ivyo bikorwa bikaba...

Kirikou yavuze ku kigo c’impfuvyi ciwe   

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Muvyo Imana yamuhaye, Kirikou avuga ko yahawe gutahura igituma yabayeho. Ico gituma ngo nukugira abandi bazobeho biciye mu minwe yiwe, Ivyo n’ivyo aheruka kuvugaira...

Kigingi yagarutse ku mashusho y’urukozasoni amuvugwako

https://www.youtube.com/watch?v=wIuCCQ5ZPyo&t=27s Amasanamu y’urukozansoni yaragize imisi aboneka ku rubuga rwa Facebook rwa Kigingi ngo siwe yayashizeko, Ahubwo ngo n’umuntu yamwinjiriye muri urwo rubuga “Piratage”, gutyo ituma...

Emery Sun ngo amasanamu y’indirimbo nshasha ni Vuba

https://www.youtube.com/watch?v=RSdpqBI8WlM Mu misi ya vuba umuririmvyi Emery Sun ngo hari ibikorwa biriko biraza, ivyo n’ivyo yavuye mu kiganiro yagiranye na Alan kuri Indundi Tv. Muri ico...

Facebook Comments