Home Burundi #Urwevu| Hagarika uruyogoyogo rwo mu mpwemu uronke amahoro mu Mutima.

#Urwevu| Hagarika uruyogoyogo rwo mu mpwemu uronke amahoro mu Mutima.

 

Nk’uko tubona abaciye urwevu babimenyesha, ngo burya ukubaho udafise ihangiro Vision ni nk’ukubaho nk’umuntu atambuka  bwa mpumyi. Iyo amaguru akujanye hose niho uheza ukaja. Uba njanye n’abaja. Uwu musi uravyuka ukumva wokora iki. Bukeye ukumva wokora kino. Ivyo ukora vyose uba usa n’uwutazi igituma uriko urabikora. Kuri iyo mvo rero uraheza ukumva umengo ukora vyinshi mugabo yamara ntubone umwimbu.

Nayo ukaba warafashe iyo ngingo hano nokubwira ibanga rizogufasha. Ico womenya mu kiringo uzoba warafashe iyo ngingo umenye ko urugamba ruba rutanguye. Hariho rero ibintu vyinshi ugiye kuzocamwo maze bifise intumbero y’ukukuburabuza. Ivyo navyo n’ibishobisho vyari vyaramaze kwamikara mu buryo bw’impwemu( Subconscient). Inzitizi zinyegeje muri wewe nyene kurya kw’incarwatsi mu vyatsi. Ibintu vyakunyengetereyemwo kuva ukiri muto. Ivyo wemeye mu mutima nk’ibidashoboka muri kino kiringo utanguye guca ubwenge ukavuga ngo birashoboka, ivyo bishobisho( émotions) nivyo bica bikurwanya mu buryo butekanye mbere utomenya.

Ivyo nivyo bigutera kugira amadidane ngo mbega basha iyi nzira niyo. Ivyo niyo mahanga ahanze ukwemera kwawe kuko asa nk’ayaza guhebuza igihande cawe co mu bwonko ( la partie consciente) y’uko imigambi ufise itazokunda. Ni ayo mahanga rero aguhanze, ahanze ka gahande kari mu bwonko bwawe koko gafise ubushobozi nk’ubw’Imana.

Uko vyari biri n’uko , umuntu aciye mu gahande Mana afise muri we, nta kintu na kimwe atari ashoboye gukora.Mu kiringo rero wumva hari ibisa nk’uruyogoyogo mu bwonko, ukumva umengo nta ntege ufise z’ukuva hasi ngo ukore Ukumva ufise ivyiyumvire binyuranye, ukumva umengo ufise uguhitamwo kunyuranye, ukumva ibisa n’ibikubwira ko wahisemwo nabi, uwundi mwanya ukumva ibikubwira ngo bandanya aho uzomenye ko uri mu ntambara.

Urwo ruyogoyogo mu buryo bw’impwemu ruraheza rukagutera ibintu bimeze nk’uruhumyi rw’umutima maze ntuheze ngo ubone neza iyo uriko uraja. Uraheza rero ukaguma uzimagirika, ugakora vyinshi muga ukabura umwimbu kuko uriko uba wabaye nka njana n’abaja mu buryo bw’impwemu.

Mu vyo twegeranije, twasanze muri bibliya hagizwe n’imvugo yo imvugo yo mu pwemu. Amajambo rero ari muri ico gitabo ceranda arakomeye cane lu buryo burenze ugutahura kwacu. Uriko ubivuga naho wewe nyene utoba uriko uramenya ivyo uvuga mu buryo bw’ubwenge bwawe, burya mu buryo bw’Impwemu hoho ivyo uba uriko urabwira biba bivyumva. Ico ni kimwe mu bituma tubura inguvu kenshi z’ugusoma bibiriya, kubera ko ibiba vyaratuganje mu buryo bw’impwemu vyoyo biba vyumva ko uriko urabisindira mbere ibitari bike bikahasiga amenyo. Biraheza rero mu buryo butekanye bikakwigiza inyuma iyo nkota yohava ibisogota.

Mu kiringo rero wumva ufashe inzira nziza yamara ukubabazwa n’uko hama haza ivyiyumviro biguciramwo, maze nyabuna uraheza usome arya majambo ya Psaume 2. Hari abahinga babizoberereyemwo bavuga yuko igihe cose ngo wifuza gukora igikorwa cose woheza ukayisoma maze gutyo ngo uheze uronke amahoro mu mutima ubone kubandanya imirimo n’ingoga nyinshi ata nkomanzi.

URAZA URABIGIRA WONGERA USENGERA IGIKORWA UGOMBA UKORE UZOHEZA URABE. INTAMBARA ZIKOMEYE TURWANA NI IZO TUTABONA!

Facebook Comments

Most Popular

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

https://m.youtube.com/watch?v=-BIr5LPrtJI Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico...

Facebook Comments