Home homepage Gaston Sindimwo agiye kurongora umugwi Inter Star

Gaston Sindimwo agiye kurongora umugwi Inter Star

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019 isaha icumi na zibiri 18h00 ku rugo rw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo niho habera ibirori vyo guhabwa icese uburongozi bw’umugwi Inter Star.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yarahawe icese amabanga yo kurongora umugwi wa Inter Star umwe mu migwi ifise abakunzi benshi hano mu gihugu cacu c’Uburundi.

Gaston Sindimwo yaciye atora abazofashanya gutora comité yiwe nshasha akaba ari aba bakurikira:

1) Président : Gaston Sindimwo
2)1èr Vice Président : Déo Ngendahayo
3) 2èm Vice Président :Olivier Kadodo

4) Secretaire Géneral: Célestin Hakizimana.

Inter Star ni umwe mu migwi ikomeye wagiye uraronka ingorane z’uburyo kuva mu mwaka wa 2008 aho wasanga utarambana n’abamenyereza kumvo z’uko waba wabuze amahera yo kubariha imishahara yabo ingorane zarabandanije gushikaho umugwi ukorokera mu cicaro ca kabiri mu mwaka wa 2018 munyuma abarongozi b’uyo mugwi bakora uko bashoboye babona kuwugarukana mu cicaro ca mbere.

Gaston Sindimwo akaba yiyongeye ku bandi banyeporitike bafise imigwi barongoye isanzwe iri mu cicaro ca mbere nk’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore (Bumamuru ), umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda (Les Elephant) , umukuru w’inama nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo (Aigle Noir), umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana (Kayanza United) hamwe na Denis Karera (Musongati Fc).

Mukamenya y’uko umugwi Inter Star wari urongowe na Déo Ngendahayo uyo nawe igihe yahabwa ayo mabanga yari yiyemeje y’uko azokora ibishoka vyose kugira abakinyi ba Inter Star bamererwe neza mu kubaronderera abantu bakomeye mu gihugu bazobashigikira akaba yaraye abishitseko.

Facebook Comments

Most Popular

Urutonde rw’abakinyi 20 b’impfatakibanza b’umugwi BS Dynamic uzokoresha mw’ihiganwa rikurikira

Burundi Sports Dynamic Nsabimana Bakari niwe mumenyereza wa mbere wo mu cicaro ca mbere amaze gushira ahabona abakinyi 20 b'impfatakibanza azokoresha mu mugwi Bs...

Colonel Alexis ngo umugwi muzinga ugiye gukomera muri kano karere

Inyuma y'aho umugwi Muzinga Fc unyagiriye Top Junior ibitsindo 9 mu rukino rwa nyuma rwo mu cicaro ca kabiri rwaciye rutuma baduga mu cicaro...

#Diaspora| “Tubivugane” mu ntumbero yo gutezimbere imico n’akaranga

Nubwo baba mu mahanga, ngo ntibataye umuco, barangwa n'akaranga, kandi baracavuga ikirundi co kuziko. Hashizweho ishirahamwe "Tubivugane" mu ntumbero yo gutezimbere umuco n'akaranga mu barundi...

#Tanzania Film : SwahiliFilx watowa shukrani kwa walio sapoti Gabo Zigamba

Pichani: Gabo Zigamba , Msanii wa Filamu nchini Tanzania Gabo Zigamba, maarufu kama Gabo ni msanii mwenye kujituma zaidi kwenye Kazi ya Filamu na anazidi...

Facebook Comments