Home homepage Kizigenza w'umugwi LLBS4A yaraye aryamiye ukuboko kw'abagabo

Kizigenza w’umugwi LLBS4A yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo


Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu rishira uwa kane igenekerezo rya 12 Kigarama 2019 isaha umunani z’ijoro 2h00 iwabo i Bukavu ni mu gihugu giharanaira demokarasia ya Congo aho yari yagiye mu karuhuko niho kizigenza w’umugwi Lydia Ludic Sports For Africa yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo ahitanywe n’icaduka cabomaguye isi gushika aho yari akitse umusaya.

Messo akaba yari umukinyi mwiza wo hagati umugwi Lydia ludic Burundi Sports For Africa yagendera ninawe yari kizigenza w’uyo mugwi.

Nyakwigendera akaba yarakiniye imigwi ya hano iwacu nka Rusizi Fc hamwe na LLBS4A yari awubereye kizigenza.

Indundi Sports ikaba yifadikanije n’umuryango wabuze co kimwe n’umugwi wiwe wa Lydia Ludic Burundi Sports For Africa.

Facebook Comments

Most Popular

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Facebook Comments