Home africa news Urwanda rwifadikanije na Kenya mu gukura amakori kuma "Cotex"

Urwanda rwifadikanije na Kenya mu gukura amakori kuma “Cotex”

Urwanda rwakuye amakori kuma Cotex ngo bikunde abigeme bazibura batangure baronke uko bazironka bitabagoye.

Urwanda narwo rwahambije ibindi bihugu birimwo na Kenya mu gukura amakori (TVA) ku nyambaro abigeme n’abapfasoni bakoresha bari mu butinyanka.

Amakuru dukesha ibinyamakuru mpuzamakungu avuga ko ivyo bishitse inyuma y’igihe kitari gito abaharanira agateka k’abagore basaba ko hokurwaho ayo makori kuko ico ari igikoresho nkenerwa cane ku bigeme n’abapfasoni.

Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, ngo amatohoza yakozwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho mu mwaka wa 2017, yerekanye ko 8% y’abanyeshure bashikana imyaka 16 n’iyirenga bahagarika amashure cane cane muri gihugu hagati. Imvo nyamukuru ku bigeme akaba ngo ari ibura ry’ivyo bikoresho.

Ayo makuru abandanya avuga ko ico bipfuza abo baharanira agateka k’abigeme ar’uko ivyo bikoresho vyoboneka mu buntu mu mashure.

Mu gihe Kenya n’Urwanda bahagaritse ayo makori, Tanzania yo ikaba iheruka gusubira gushirako amakori, aho ni mu gihe ngo abadandaza batigeze bagabanura ibiciro kandi amakori yarakuweko

Facebook Comments

Most Popular

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

https://m.youtube.com/watch?v=-BIr5LPrtJI Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico...

Facebook Comments