Mu nama n’abaserukira ibimenyeshamakuru birenga 40, birimwo amaradiyo, imboneshakure, ibinyamakuru vyandika hamwe n’ibinyamakuru vyo kuri internet yagiranye i Gitega kuri kuwa kabiri, igenekerezo rya 17 Munyonyo 2026, ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru, CNC, cibukije amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu ntumbero yo kwongerereza ubumenyi abamenyeshamakuru cane cane bakiri bashasha mu mwuga.
Iyo nama izomara imisi ibiri, kuva ku wa 17 gushika ku wa 18 Munyonyo 2026, igamije kwibutsa abanyamakuru ingingo ngenderwako z’umwuga no kubafasha kurushiriza gukora kinyamwuga.
Mu majambo yugurura ico gikorwa, umuyobozi w’ikigo CNC, Nathan Ntahondi, yibukije abanyamakuru bato ibanga rikomeye bafise mu mwuga wo kumenyesha amakuru. Yavuze ko abantu ibihumbi n’ibihumbi babakurikirana, bakabumviriza kandi bagasoma amakuru batanga buri musi, ivyo bikaba bisaba ko bakora n’ubwira, n’ukwubahiriza amategeko agenga uwo mwuga.
Yashimangiye ko gusohora amakuru atari vyo vyonyene bituma umuntu aba umumenyeshamakuru, ati: «Umuntu wese arashobora gusohora amakuru, ariko si bose bashobora kuba abanyamakuru.» Yongeye kwibutsa ko kugenzura inkomoko y’amakuru, gutanga amakuru y’ukuri, gushikiriza impande zitandukanye z’inkuru no kwubahiriza inyifato ibereye mu mwuga ari vyo nkingi z’itangazamakuru.
Mu gihe Uburundi bwitegurira amatora, umukuru wa CNC agabisha abamenyeshamakuru ku ngaruka z’amakuru y’ibihuha hamwe n’ayatangajwe atabanje kugenzurwa neza, kuko ashobora guhungabanya umutekano n’ituze mu gihugu.
Yasavye abari bitavye iyo nama kuba ikiraro gihuza inzego z’igihugu n’abanyagihugu, bakama bashira imbere ineza rusangi aho gukorera inyungu zabo bwite. Yashimangiye kandi ko amakuru yizewe ategerezwa kuba yoza imbere mu bikorwa vyabo vya misi yose.
Muri iyo nyigisho, abanyamwuga bamenyereye igikorwa c’itangazamakuru, Léonce Ntakirutimana, icegera c’umukuru wa CNC, hamwe na Jacques Bukuru, yahoze ari umumenyeshamakuru kuri Radiyo na Televiziyo vy’Uburundi (RTNB), barasangije abari aho ubumenyi n’ivyo baciyemwo mu kazi.
Abo bahinga bashimikiye ku kamaro ko gukora itohoza ryimbitse imbere yo gutangaza inkuru, gukurikiza amategeko agenga umwuga w’itangazamakuru no gutanga amakuru afitiye akamaro abanyagihugu.
Bagarutse kandi ku buryo bubereye bwo gushikiriza amakuru, kwubahiriza amategeko agenga umwuga w’itangazamakuru, hamwe n’uruhara rw’inzego za Reta mu kworohereza abanyamakuru mu kazi kabo, zibaha amakuru baba bakeneye kugira bashobore kurangura neza amabanga yabo.
Iyo nama y’imisi ibiri izorangira abaserukira ibimenyeshamakuru birenga 40 bafise umurongo ngenderwako usobanutse: kubanza kugenzura amakuru imbere yo kuyatangaza, kwubahiriza amategeko n’inyifato ibereye mu mwuga, no gushira imbere ineza y’abanyagihugu.
Mu gihe Uburundi buri mu gihe co kwitegurira amatora, aho ibihuha bishobora guhungabanya ituze, abanyamakuru barasabwa kwerekana buri musi ko igikorwa cabo atari ugusohora amakuru gusa, ahubwo ari ugutanga amakuru y’ukuri no gutsimbataza icizere abanyagihugu babafitiye. Ivyo bisaba kandi ko inzego za Reta zifasha abanyamakuru kuronka amakuru bakeneye kugira bashobore kurangura neza igikorwa cabo.
