Hari imiryango iva mu makomine y’izahoze ari intara za Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Makamba, Muramvya, Kayanza na Gitega itabaza Reta kuko yibwe n’abantu batazwi mu kubaha amafaranga no mu kubegurira amatongo yabo nk’ingwati, kubera bemereye akazi abana babo mu mahanga.
Nko mu ntara ya Bujumbura, imwe muri iyo miryango ivuga ko ari yo mu makomine ya Bukinanyana, Mugina hamwe na Mpanda. Iyo ni imwe muyashoboye kumenyekana kuko iri muyiherutse kwitura ishirahamwe muvyo ryishinze harimwo kurwanya ibura ry’akazi n’ihohoterwa kugira ribafashe kugaruza ivyabo ivuga ko yibwe n’abantu babasanze aho baba bakabemerera kubarungikira abana babo mu mahanga kugira baronke akazi.
Umwe muri abo banyagihugu ni E. S, avuka muri komine Mugina, intara ya Bujumbura. Avuga ko hari uwitwa Donavine, yaje muri Ruheshi 2026 amubwira ko umuhungu wiwe azorungikwa gukora mu gihugu ca Jordaniya kiri ku mugabane wa Aziya, abanje kumuha amafranga amusavye. «Umuntu yitwa Donavine yaraje, mu kwezi kwa gatandatu 2026, kutubwira ko abakobwa n’abahungu bafise pasiporo, canke umugabo wese agifise inguvu, ko bashobora kurungikwa mu gihugu co mu Barabu gukora akazi », niko E.S yigana avuga.
Abandanya avuga ko ivyo vyabereye ku mutumba Rugajo, kandi ko n’abategetsi bo ku mutumba bari mubashize umukono ku masezerano hagati y’uwo Donavine n’abene matongo, bavuga ko batanze nk’ingwati. E.S avuga ko itongo yatanze nk’ingwati ryiyongeye ku mafranga ibihumbi 500 vy’amarundi.
Nk’uko abandanya abivuga, umuhungu wiwe yari kurungikwa mu gihugu ca Jordania aho yari guhembwa amafaranga imiliyoni 4 ku kwezi. Isango bari bahawe ryo kuja kwurira indege rigeze, ivyo baziga siko vyagenze.
« Umusi batubwiye, tugeze ku biro batubwiye, muri karitiye 9 Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, aho bari batubwiye hitwa kwa KOMINE , nta n’umwe twahasanze », niko uyo mukenyezi abandanya yigana.
Avuga ko bari bakoresheje uburyo bwinshi harimwo no gufata amadeni yo kugura amavalizi, muri make kwitegurira urugendo rw’abana babo.
Hari bamwe mu bagabo bategeka abo bubakanye kugarukana amafaranga yatanzwe canke yakoreshejwe kugira uko kuja gukora mu mahanga kw’abana babo gukunde.
« Umugabo ubu ntiducana uwaka », niko E.S avuga. «Avuga ko adashobora kunytihanganira, kubona namubwiye kon twogurisha inka yacu kugira turonke ibihumbi 500 twatanze hamwe rero n’ayandi mafranga yakoreshejwe mu kugura ibindi bikoresho ».
E.S siwe wenyene mu bamaze kwibwa muri ubwo buryo.
G. B nawe nyene avuka muri iyo komine nyene ya Mugina mu ntara ya Bujumbura, avuga na we ko yahenzwe n’abantu bamubwiye ibisa n’ivyo. Asigura ko, mu bituma abavyeyi benshi muri kino gihe bibwa biciye muri ubwo buryo, ari ibura ry’akazi mu rwaruka ryibonekeza mu Burundi.
«Nk’umuvyeyi, iyo wumvise ko umuhungu wawe ashobora guhabwa akazi, ubifata nk’ukugabanyirizwa umuzigo muri ino misi »,niko G.B avuga. « Batubwira ko ni twatanga imiliyoni 15 z’amarundi umuhungu wanje amaze kuronka akazi azoja arayariha buhoro buhoro, kandi jewe naranatanze imiliyoni zibiri n’igice »
Abibwe muri abo bahenzwe, hari abavuga bene kubiba hari abaza biyitirira amashirahamwe ajejwe kurungika abakozi b’abarundi m ubindi bihugu.
« Hari ku musi wa mbere, umuntu yitwa Francine yaraje ambwira ko hari isosiyete iriko irarungika abantu hanze, ambwira ko urugendo rwari rutegekanijwe ku wa gatanu w’iyo ndwi nyene, ambwira ko notanga amafaranga runaka, nca ntegeka umugabo wanje gufata ideni ry’umiriyoni mw’ishirahamwe », nk’uko A.N, avuka muri commune Mpanda yigana ivyamushikiye muri Ruheshi nyene 2026.
« Ku wa kabiri baraje kuraba itongo ryanje nari gutanga nk’ingwati, uretse ko nanabahaye ibihumbi 100 atanaho twavyanditse. Umusi wa gatanu ugeze, ntitwongeye kubona abo bantu ».
Mu Burundi, bumwe mu buryo umuntu ashobora kuja gukora hanze , ni kugenda urungitswe n’ishirahamwe riri muyo Reta yemereye gukora ico gikorwa.
Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, buvuga ko bishitse hakagira uwokwibwa biciye muri ayo mashirahamwe yobwitura kugira bumufashe, mu gihe uwibwe n’abantu batazwi bumuhagarira kwitura inyamiramabi. Ntihazwi neza aboba bamaze kwibwa biciye muri ubwo buryo. Ariko abibwe basaba Reta kubafasha kugaruza ivyabo.
Abituye ishirahamwe ALUCHOTO mu ntango z’ino ndwi, barenga 60.
