Igabananuka ry’umwimbu w’amafi mu kiyaga Tanganyika ribandanya kwiyongera buri mwaka. Bamwe mu barovyi ntibabitahura, bibaza ingene kazoza kabo kazoba kifashe mu misi iza.
Hermanos, umwe muri abo amaze imyaka irenga 40 mu mwuga w’uburovyi, twamusanaz k’umweha wa #Kajaga muri komine #Ntahangwa mu ntara ya #Bujumbura , avuga ko ingorane nyamukuru ari amatara akoreshwa ubu mu kuroba. Ayo matara yoba atamurika kure, bigatuma amafin ategera aho abarovyi bashika nk’uko vyahora.
Ico iyi ngorane ayisangiye na mugenzi we, Evariste Musumo, yamuka mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro ya ya #kongo, na we amaze imyaka 40 aroba. We yongerako ko hari insenga zibujijwe ziguma zikoreshwa aha na hariya , bigatuma harobwa n’imboga zitaragera , ariko guhona kw’ayo mafi.
Nk’uko abo barovyi babandanya babisigura, iyononwa ry’amazi amafi abayemwo mu gihugu riteye ubwoba.Bamenyesha ko ivyo bigwiriye k’uruhande rw’uburundi, iyo myanda igatuma ifi zihungira mu bice vyegereye ibihugu bibanyi, aho amazi aba asa n’uko ari meza kurusha.
Abo barovyi basaba inzego za reta zijejwe uburovyi gukomeza ubuhinga bwotuma umwimbu wiyongera, nk’amatara amurika kure mu mazi, no kurwanya imyanda itabwa mu nzuzi canke mu nyanja.
Abarovyi bo mu myaka y’1990 mu #Burundi nk’abakorera mu kiyaga #Tanganyika , biyita “Abayorogo” bavuga ko ico gihe umwimbu w’amafi wari ushimishije. Ico gihe bakoresha amatara yaka hakoreshejwe petelori , amatara yamurika gushika nko kumetero amajana atatu ( 300m). Ayo matara yatuma amazi ahegereye ashuha, ivyo bikaba biri mu vyatuma amafi yegera aho barobera.
Gushika Ubu ubushikiranganji bujejwe ivy’uburimyi n’ubworozi burimwo n’iki gisata c’uburovyi bwerekana ko uburundi muri rusangi bushobora kuronka umwimbu w’amafi uharurwa mu matoni ibihumbi 26 k’umwaka.
Na yo umuhinga yanonosoye ivy’ubworozi bw’amafi Zacharie Miburo ashikiriza ko urugero rwo gufungura ifi mu Burundi rukiri ku biro bibiri ( 2kg) k’umuntu umwe muri rusangi. K’umugabane wa Afrika umuntu umwe ashobora gufungura ibiro urunani n’ibice bitatu (8,3kg ) mu gihe kw’isi yose naho umuntu umwe ashobora gufungura ibiro hafi mirongo ibiri na kimwe ( 21kg) ku mwaka.
Uwo muhinga yunga mury’abo barovyi avuga ko mu gihugu hakwiye kugwizwa ubuhinga bukoreshwa mu kuroba. Kuko nk’uko abisigura, abarovyi bashobora gushikira amafi canke ntibayashikire bivanye n’ibikoresho bakoresheje.
Miburo aranavuga ko hakenewe ko amafi yorororwa haba mu nyanja haba no mu mazi y’inzuzi n’ibiyaga hakoreshejwe nk’uduseke bita “cages” mu gifransa, agaseke bashiramwo amafi bakayagaburirira mu kiyaga ariko ntizigende, ubuhinga bumaze kugeragezwa nko mu kiyaga Tanganyika ( ku myeha yo muri #kabezi) no mubiyaga #Rwihinda na #Cogoha. Abona ko hamwe ivyo vyobandanya , nko mu myaka ibiri (2) canke itatu (3) vyoshika ko buri umuntu umwe yofungura ibiro bine (4kg) canke ibiro bitanu (5 kg) k’umwaka.
