Igiciro ku kiro kimwe c’amababi y’icayi kigiye kuva ku mafaranga amajana atanu (500f) gishirwe ku gihumbi (1000) mu mafaranga y’amarundi. Ni imwe mu ngingo zizwe zongera ziremezwa n’imama nshikiranganji yakoranye ku minsi ya 3 na 4 muri ino ndwi. Yamara ntivuga ryari ivyo bizotangurira kuja mu ngiro.
Itangazo risozera iyo nama rivuga ko iyo ngingo ifashwe kugira ngo imirima y’icayi ibandanye ibungabungwa, amahinguriro nayo aronke icayi ahingura gutyo icayi ntikizimamangane.
Iryo tangazo ryerekana ko inama nshikiranganji yemeje ko amafaranga 500 umurinyi ubu yaronka ku kiro kimwe c’amababi y’icayi atagihuye n’uburuyo aba yakoresheje, arico gituma habwirizwa kugabanywa ingaruka mbi zimaze kwibonekeza nko kudebukirwa mu kurima no mu kubungabunga ico giterwa njabukamazi.
Igiciro ku mababi y’icayi mu Burundi caheruka kuduzwa muri rusama 2025. Ikiro cari ku mafranga amajana atatu na mirongo itanu (350) gishirwa ku majana atanu (500) mu mafaranga y’amarundi. Kubera ingorane bagumye bashikiriza ziboneka mu gukorera ico giterwa njabukamazi, abarimyi ntibarigera banyurwa n’ikiguzi gishingwa na Reta.
Ubu urunani abarimyi bahurikiyemwo rwasaba ko n’imiburiburi ikiro kimwe c’amababi cogurwa amafaranga ibihumbi bibiri (2000) vy’amarundi. Ni mugihe rwerekana ko ubu umukozi akora ku musi ashobora guhembwa amafranga ibihumbi cumi (10) yasoromye icayi giciye amafaranga ibihumbi bitanu (5) vy’amarundi ku musi.
