Burundi: Rwasa mubahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu 

Uwo mu nyepolitike yari yarakuwe k’uburongozi bw’umugabwe CNL yari arongoye muri Ntwarante 2024 yashikirije umwidondoro n’ibisabwa abitoza m’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora kuri uwu wa 6 i Bujumbura.

Bamwe mubari aho yakiriwe co kimwe n’abandi batanze imyidondoro yabo uwo munsi nyene bavuga ko batari biteze ko Rwasa yoje mubahiganwa mw’itora ry’umukuru w’igihugu uwu mwaka, kuko ari m’umugwi w’abatavyemererwa n’ingingo ya 6 mw’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 4 munyonyo rihamagarira abarundi kwitabira iryo tora.

Rwasa yishuye ko yisunze ibwirizwa nshingiro ayandi mabwirizwa agenderako. Yagize ati :”Nisunze ibwirizwa nshingiro, Ingingo ya 99 , agace ka gatatatu(3) , iyo wakuwe m’uburongozi biciye kugikenye, mu gifransa bakoresha ijambo ngo #éviction, muri ico gihe imyaka ibiri iheze uba ufise uburenganzira bwo kwitoza nk’uwigenga. Duharuye kuva itariki 10 z’ukwezi kwa gatatu 2024 gushika uno munsi ni imyaka ibiri n’amezi umunani hejuru…… Murumva rero uburenganzira ndabufise. Ndi umurundi yujuje ibisabwa vyose. Ico niyemeje ngomba gukorera no gufashanya n’abarukdi kugira ngo turabe ko vyogenda neza.

Rwasa yasavye ko CENI itomurenganya, kuko ivyabaye mw’ikoraniro ry’umugambwe yahora arongoye bitabaye ugudubirizwa gusanzwe nk’uko bitegekanywa n’amategeko y’umugambwe ahubwo ko habaye gutembagaza uburongozi hagashirwaho ubundi, kubwiwe abona ko habaye nka “Coup d’État.”

Uwo munyeplolitique kuri uyu wa 5 yari yatanze ingwati ingana ma milioni 100 y’amarundi abahiganwa bose basabwa kuriha mw’ibanki nkuru y’igihugu, abajijwe ingene iyo ngwati yayironse, yavuze ati :” ubu twofata ibiharuro vy’amatora y’2020 , amajwi naronse , mubari bantoye imilioni 100 zobura? Ni aho yari kuba umuliaridi twari kuwuronka. Rero ic’amafranga si ikibazo abanshigikiye bariho. …”

Exit mobile version