Umugwi Muzinga Fc uhejeje guhagarika umuvuduko wa Aigle Noir Cs wo kuza uritorera amanota atatu mw’ihiganwa rya Primus League.
Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Gitugutu 2025 igihe c’isaha icenda ( 15h00) ku kibuga citiriwe Intwari aho umugwi Muzinga Fc wari wakiriye umugwi Aigle Noir Cs mu rukino rw’ikirarane rw’indwi igira 5 rwa Primus League 2025-2026.
Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganya ibitsindo 2-2. Aigle Noir niyo yatanguye kwinjiza igitsindo biciye kuri Radjabu Ininahazwe ku munota wa 32 w’urukino ariko kiza kugomborwa na Iratanga Flavier ku munota wa 60. Ku munota kandi wa 68 Flavier yasubiye atsindira Muzinga Fc igitsindo ca kabiri biba ibitsindo 2 vya Muzinga kuri 1 ca Aigle Noir. Haciye akanya gato ku munota wa 71 umugwi Aigle Noir waciye ugombora ico gitsindo biciye kuri Kevin Icoyitungiye bica birangira ari ibitsindo 2-2 .
Umupira umugwi Aigle Noir wakinye kuri uno musi siwo mupira twari tumenyereye, ngira ni uburuhe burimwo kuko urukino rwo gusubiriza rwa CAF Champions Legue ruheruka kubahuza na ASAS Djibouti Télécom abo basore bakoresheje inguvu nyishi.Umugwi wa Muzinga Fc mu nkino 5 umaze gukina ufise amanota 11 muri iryo higanwa rya Primus League 2025-2026.
Mwomenya ko Muzinga Fc ari umugwi uheruka kuduga mu cicaro ca mbere muri uno mwaka.