Politiquesécurité

Perezida Trump yemeje ko Amerika igiye kugurisha ibitoro 

Inyuma y’itangazo rya Perezida Donald Trump ry’uko Reta Runze Ubumwe za Amerika igiye kwiha no kugurisha hagati y’ imiriyoni 30 na 50 z’utungunguru tw’ibitoro ca Venezuela, abanyagihu n’ abategetsi b’ imfatakibanza ba Venezuela barerekanye impugenege, ishavu, hamwe n’ ukutizera ibihe biri imbere.

Mu mihingo itandukanye ya Caracas, abanyagihugu baganiriyen’ abamenyeshamakuru bagaragaraje ko baguye mu gahundwe bumvise umugambi wo kugurisha itunga ry’ igihunga na Leta zunze Ubumwe za Amerika. “Nimba Trump avuga ko ayo mafaranga azodufasha, kuki tutabajijwe? Ico gitoro ni itunga ry’ igihugu cacu si ica Amerika. », niko yavuze Maria Gonzalez, umurezi w’ imyaka 42. Abandi bavuga ko naho bashigikiye igaruka ry’ umutekano, batemera ko igihugu cabo gifatwa nk’ akarima k’ iyindi Leta.

Umukenguzamateka wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Bernie Sanders yavuze ko iyo ngingo ya Trump “atayiherewe uruhusha n’ inama nshingamateka na nkenguzamateka” kandi ko “yarenze ku mategeko mpuzamakungu.”

Abahinga mu vy’ ubutunzi bavuga ko ico gitoro gishobora kwinjiza hagati yama miriyaridi 2,7 na 5 z’ amadorari y’ Amerika, bivanye n’ igiciro kiri ku masoko. Ariko hari impungenge ko ayo mafaranga atazoshikira abanyagihugu. “Nimba ata masezerano yanditse hagati ya Venezuela n’ Amerika, ayo mafaranga ashobora gukoreshwa mu bikorwa bitemewe n’ amategeko.”, bivugwa n’ Umwalimu muri Kaminuza Luis Herrera, umuhinga mu vy’ ubutunzi muri Kaminuza ya Central de Venezuela.

Abategetsi b’ imfatakibanza ba Venezuela barahakanye ko Amerika atariyo iri ku butegetsi kandi ko ata masezerano yemewe n’ amategeko yigeze asinywa. Basavye ONU n’ ibindi bihugu gukurikirana ico kibazo, bavuga ko ari “ Ukuvogera ubwigenge bw’ igihugu.”

Ibihugu nka Afurika y’ Epfo, Bolivia na Iran vyamaze kwiyamiriza iyo ngingo, bivuga ko ari “uguhonyanga amategeko mpuzamakungu.” ONU iriko irategura inama yihuta kugira isuzume ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE