CommerceEconomiehomepageKirundi

Igiciro ca peteroli carengeje amadolari 100 ku kagunguru

Igiciro ca peteroli kw’isi caraduze cane, aho igiciro ca peteroli yo mu bwoko bwa Brent carengeje amadolari 100 ku kagunguru (baril), kubera umutekano muke urangwa mu buseruko bushira hagati.

Kuri uyu wa gatanu, igiciro ca peteroli ya Brent kiriko igurwa hafi amadolari 106 ku baril, inyuma y’aho igeze ku rwego rwo hejuru rwa hafi $110. Naho igiciro cari cagabanutse gatoyi mu masaha yakurikiye, kiracari hejuru y’amadolari 100 kandi cari kigiye kurangiza iyi ndwi ciyongereye hafi 10%.

Abahinga mu vyerekeye bavuga ko uku kuduga kw’ibiciro guterwa ahanini n’ibitero biriko biraba mu buseruko bushira hagati y’isi cane cane ku mato atwara ibitoro hamwe n’ihungabana rijanye n’amavuta biciye mu nyanja y’Abarabu, inyanja itukura n’umuhora wa Hormuz.

Umuhora wa Hormuz ni imwe mu nzira zihambaye cane kw’isi zicamwo amavuta n’ibindi bikoresho vy’inguvu. Amakuru y’ubwato yerekana ko ku wa 10 Nyakanga, ubwato indwi gusa ari bwo bwaciye muriwo, mu gihe imbere y’intambara hacamwo ubwato bwinshi cane ku musi.

Muri ico gihe nyene, abarwanyi bafitaniye imigenderanire na Iran bafashe icambu ca Mocha muri Yemen, ibintu vyatumye impungenge z’uko uruja n’uruza rw’amato mu Nyanja Itukura rushobora gusubira guhungabana zirushiriza kwiyongera.

Uku kuduga kw’igiciro ca peteroli kurashobora kugira ingaruka ku bihugu vyinshi kw’isi. Iyo ibiciro vy’amavuta biduga, birashobora gutuma ibiciro vy’ibitoro, gutwara abantu n’ibintu, ibifungurwa n’ibindi bicuruzwa na vyo biduga.

Ikigo mpuzamakungu IEA na co caragabishije ko ikibazo c’itangwa rya peteroli kw’isi gishobora gukomera kurushiriza, mu gihe iyo ntambara itarabonerwa inyishu kandi ububiko bw’amavuta buriko buragabanuka.

Abahinga mu vy’ubutunzi bariko barakurikirana neza uko ibintu bizogenda, kuko intambara iramutse ibandanije guhungabanya inzira z’amato n’itangwa ry’amavuta, igiciro ca peteroli gishobora gusubira kuduga kurushiriza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE