Abanyeshure hafi 20 barapfuye, abandi benshi barakomereka bikomeye inyuma y’uko umuriro wadutse mu mashure abiri yo mu gisagara ca Bukavu, mu ntara ya Kivu y’epfo, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, (RDC).
Nk’uko ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere bibivuga, uwo muriro wadutse ku wa kane mu masaha yo mu gitondo, hafi isaha zibiri, mu mashure abanza ya Ujamaa na Furaha, mu gace ka Chimpunda, mu gisagara ca Bukavu.
Bamwe mu banyeshure bahasize ubuzima kubera umuvurungano n’akajagari kabayeho igihe bariko baragerageza guhunga umuriro. Abandi banyeshure bahiye canke batewe n’umwotsi mwinshi bajanywe kwa muganga no ku bitaro vyo hafi, aho bivugwa ko bamwe bari mu bihe bitoroshe.
Amakuru avuga ko umuriro watanguriye mu nyubakwa yari hafi y’ayo mashure, hanyuma urakwiragira ushika ku nyubakwa z’amashure.
Uwo muriro warononye kandi amazu ashika kuri 500, hamwe n’ikigo kimwe nderabuzima, nk’uko ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere bibitangaza.
Igisagara ca Bukavu muri iki gihe kigenzurwa n’umugwi w’abarwanyi wa AFC/M23.
Igitigiri c’abahitanywe n’uwo muriro kiracari ic’intango, mu gihe igituma uwo muriro wadutse kikiri mu matohoza.

























