Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF ryaraye rishize ahabona abahagarikizi bazohagarikira urukino rwo kurondera itike y’igikombe c’isi c’umwaka wa 2026 ruzohuza umugwi nserukira gihugu w’Uburundi intamba mu rugamba hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa Kenya Harambee Stars ruzoba igenekerezo rya 09 Gitugutu 2025 ku kibuga citiriwe Intwari i Bujumbura.
Abo bahagarikizi bazohagarikira urwo rukino bose bava muri Zambia, nabo akaba ari aba bakurikira :
– Umuhagarikizi wo hagati ni : Hambaba Hilary
– Umuhagarikizi wo hagati wa mbere ni : Zulu Meck
Umuhagarikizi wa kabiri wo kuruhande ni : Nyirenda Trywell
– Umuhagarikizi agira kane ni : Chansa Chola
– Commissaire nawe ni : Umuganda Awuye Yusuf Suleiman
Mwomenya ko intamba mu rugamba zirangije gukina na Kenya zizoca zifata indege zerekeza muri Gabon gutana mu mitwe n’ico gihugu.