Abakinyi 6 b’umurwi w’umupira w’amaguru Academy Deira usanzwe ukina mu c’icaro ca mbere Primus League bamaze iminsi bapfunzwe, hamwe n’uwahoze ari umuyobozi ajanye n’ubuhinga , bagirizwa kugurisha urukino biciye muri muvyo gutigira”betting”.Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi akaba yaheruka kunegura ingendo y’abakinyi bagurisha inkino biciye mu gutigira aca anagirako amenyesha ko uwuzofatwa azohanwa hisunzwe amategeko.
Vyose vyatanguye ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 11 kigarama 2024 ku kibuga Urunani co mu ntara ya Cibitoke aho hari haramutse haba urukino rw’ikirarane rw’ihiganwa rya Primus League rwahuza umurwi Academy Deira hamwe n’umugwi Olympique Star wo mu ntara ya Muyinga. Urwo rukino rwarangiye Olympique Star utsinze Academy Deira ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-0).
Inyuma y’urwo rukino abakinyi ba Academy Deira barafashe urugendo rubashikana mu gisagara ca Bujumbura, bakiri mu nzira ntiborohewe kuko igiporisi carahagaritse imodokari barimwo, gikuramwo abakinyi 6 bagirizwa ico caha co kugurisha inkino biciye mu gutigira ( Betting) .Mugihe uwahoze ari umuyobozi ajanye n’ubuhinga wewe yafatiwe aho asanzwe aba muri zone ya Buterere.Abaganiriye n’uruganda rwacu bavuga ko abandi bakinyi babiri bagirizwa ico caha nyene bo bahisemwo kuyanyaga.
Uwrongoye umurwi Academy Deira Bizimana Abdoul Karim aremeza ko abo bakinyi b’uyo mugwi aramutswa bapfunzwe. Avuga ko ari nawe yashize ahabona abo bakinyi ,afatiye kumatohoza yari amaze gukora .
Ifatwa ry’abo bakinyi rikaba ribaye inyuma yaho umukuru w’isihirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Alexandre Muyenge yaheruka kunegura ko hari bamwe mubakinyi bagurisha inkino biciye mu gutigira. Ivyo kandi yaranabigarutseko mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru mu ntango za kuno kwezi aho yagabishije ko umuntu wese azofatwa yagira ico caha azohanwa hisunzwe amategeko.
Umugwi Academy Deira ukaba uheruka gutsinda urukino mu ntango z’ihiganwa ,izindi ukaba wagiye uranganya ahandi naho ugatsindwa. Mu nkino 15, umaze gutsinda inkino 2 unganya inkino 2 , ukaba uri mu kibanza ca 14 n’amanota 8 k’urutonde rw’ihiganwa rikuru ry’igihugu.