homepageKirundiSociété

Abantu 3 barapfunzwe kumvo zo kudatabariza uruyoya rwanizwe

Umwigeme wo muri zone Murima ku gacimbiri Nyakararo muri komine ya Kayanza ari mu bitaro akitswe n’amagara inyuma y’aho ku musi wa mungu uheze igenekerezo rya 5 gitugutu 2025 yavyaye umwana aca aramuniga maze abigira ibanga.

Uyo mwigeme yahavuye atangura kurwara aratabaza mukuru we ko yomuha imfugurwa uwo nawe bica bimutera amakega abonye uko ameze aca aramubaza ko atoba yavyaye kuko yari amaze imisi abona umengo aribungenze uyo mukobwa arabihakana ariko amubonako amaraso aravye ku ruhande abona umwana atagihema ari mu gipande c’indobo ifutswe baca babigira ibanga uko ari babiri.

Mu nyuma uyo yavyaye yahavuye ata ca kiziga mu kazu ka sugumwe. Mukuruwe abibonye agira ubwoba abona gutabaza nyinabo ariko bose ntawatabaje abajejwe intwaro. Bimaze kuja hejuru abajejwe intwaro n’abakorerabushake bo mu muryango croix rouge baraje gutabara kugira ico kiziga gikurwe mu kazu ka sugumwe. Uyo mwigeme yaciye ajanwa kwa muganga kuko amagara yiwe atari ameze neza.

Joseline Nizigiyimana niwe arongoye zone Murima ahamagarira abigeme batwara inda batifuje ko bobwira abavyeyi babo kugira ngo bafashwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE