Kuwa 4 mukakaro ubushikiranganji bw’indero bwashizeho agafashanyo ngurane gahabwa abanyeshure ba kaminuza y’uburundi biga mu makungu gushika ku mafaranga 100 y’amanyaburaya. Abanyeshure biga baba mu gihugu bamenyesha ko ayo baronswa adahwanye n’ivyankenerwa vy’umunyeshure bagasaba umushikiranganji gukuraho ubwo busumbasumbane.
Bamwe mu banyeshure biga muri kaminuza y’uburundi bari ngaha mu gihugu bararajwe ishinga n’ubusumbasumbane bw’agafashanyo-ngurane bahabwa bahabwa amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana mu gihe abiga hanze y’igihugu bo bahabwa kugeza ku mafaranga ijana y’amanyaburaya, bakibaza ico ubwo bushikiranganji bwafatiyeko mu gushinga iryo tegeko.
Umwe yagize ati : “Ntituzi ico bagamije canke ko aribo bagirira icizere gusumba twebwe twasigaye ngaha mu gihugu“.
Bisunze iduga ry’ibiciro ryibonekeza ku masoko bashikiriza ko agafashanyo-ngurane bahabwa basanga ata kintu gifadika kabamariye, nako nyene gashobora kumara amezi ashika kuri abiri batarakaronswa.
“Bayaduha batevye tuyaronse tugasanga yose ahereye mu madeni twafashe, bari bakwiye kuraba natwe bakatudugiriza kuko ayo turonka ntakwiranye n’ivyo umunyeshure akenera ariko ariga”. Basaba ubushikiranganji bw’indero gukuraho ubwo busumbasumbane , kuko kubwabo ubuzima bwa misi yose buheza bukabagora.
Itegeko ry’umukuru w’igihugu rishiraho ukuronswa agafashanyo-ngurane ku banyeshure ryagiyeho mu mwaka wa 2017, nayo kuwa 4 mukakaro uyu mwaka ubushikiranganji bw’indero igihe bwariko bushikiriza ivyaranguwe mw’itangazo François Havyarimana yasomye niho yemerera abanyeshure bagiye kwiga mu mahanga kuzohora baronswa amafaranga agera kw’ijana ry’amafaranga mvamakungu.